English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
Ndadaye arabandanya igikorwa ciwe, aravanga reta, ashiraho umushikiranganji wa mbere w'umututsi. Ubwo rero, abarundi babona kwizera yuko amahoro, n'umwumvikano bishobora kugaruka mu gihugu. Mu ntumbero y'intwaro rusangi, no gusubiza hamwe
Umukuru w'igihugu Petero Buyoya aho amariye gufata ubutegetsi, mu kwezi kwa Nyakanga 1987, yaciye ahindura ibintu bimwe bimwe vyahahora.naho imigumuko yo muri 1988 yabaye ari ku butegetsi, Lemarchand wewe yibaza ko bitagenze nko mu bwicanyi bwo mu 1972. Petero Buyoya rero, ntiyangeshanije mu kwivuna uwundi mugumuko w'abahutu muri 1991.

Mu nzego, umushikiranganji wa mbere, yari umuhutu, aratera intege abahutu ngo binjire mu gisirikare c'igihugu. Buyoya yarorohereje ibinyamakuru gutanga inkuru, arabohoza abanyororo bapfungiwe ivya politike; abahutu benshi bari bahunze mu 1988, arabahungura mu 1999; ibwirizwa shingiro rishasha riremezwa n'abanyagihugu mu 1992, ivyo vyose biteba bishika ku ntwaro y'imigambwe myinshi, kugeza aho amatora ya mbere y'umukuru w'igihugu aba.

Buyoya aratsindwa mu matora, mu 1993, aremera aratanga ubutegetsi. Umukuru w'igihugu wa mbere yatowe n'abanyagihugu Melchior Ndadaye, umuhutu, niwe yatsinze amatora. Naho abatutsi babasirikare bakuru bakuru bagomba kumukuraho, Ndadaye arabandanya igikorwa ciwe, aravanga reta, ashiraho umushikiranganji wa mbere w'umututsi. Ubwo rero, abarundi babona kwizera yuko amahoro, n'umwumvikano bishobora kugaruka mu gihugu.

Amezi atanu aheze Buyoya atsinze amatora, Ndadaye aba arapfuye. Mu kwezi kwa Gitugutu, itariki 21, umwaka wa 1933, mu gihe, abasirikare bakuru bakuru babatutsi, bagomba gutembagaza ubutegetsi, Ndadaye baca baramwica. Naho iryo tembagazwa ritabaye rigishobotse, ukwicwa kwa Ndadaye kwaciye gukurikirwa n'ubwicanyi bw'agahomera bunwa, abantu barenga 200.000 barahasigara.
 



© Burundi Voices Project, 2006.