English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ubutwari
 
Paul Bandiyimisi
 
Paul Bandiyimisi
 
Paul Bandiyimisi, ni umunyagihugu wo muri zone Kiyabu mu ntara ya Ruyigi, yari afise ubunywero ico gihe.

Hari mu kwezi kwa Gitugutu umwaka wa 1999, aho yaza abona umuntu atazi aje amugana. Rose Kagayo yari yibungenze, ashonje, kandi afise ubwoba bwuko bamwica. Yari kumwe n'abana biwe 5, hamwe n'abandi batutsi bagera ku 29, bose barashoboye kurokoka, babifashijemwo na paul Bandiyimisi, kuko hari akagwi kabicanyi bariko barabahiga.

Paul yari azi ko ari umuhutu, kandi ko afashwe na bene wabo anyegeje umututsi ashobora kuhasiga ubuzima, be n'umuryango wiwe, ariko ntiyahengesheje kunyegeza abo badasangiye ubwoko.

Soma intahe ya Paul be n'abandi bahizi, harimwo n'abakenyezi bitanze, bakerekana ubuhizi n'ubutwari mu gihe c'intambara.
 



© Burundi Voices Project, 2006.