English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Bahari Maziari
 

Yavukiye i Teheran, ku murwa mukuru wa Irani, mu mwaka wa 1967 ;yatanguye umwuga wo gufata amasanamu, mu buhinga bwa none arivyo film, afise imyaka cumi n’itandatu. Mu mwaka wa 1983, Maziari aja hamwe n’abandi bakora mwene uwo mwuga wo gufata amasanamu, basanzwe bahurikiye mu murwi, aho yagize isinema y’iminota 30, yerekeye ubuzima butoroshe bwa Teheran.

Avuye muri Irani, muri 1987, Maziari aca aja muri Pakistani, aho yakoze nkumugiraneza, aba umusiguzi mw’ishirahamwe Medecin sans frontiere, umugwi mpuzamakungu ujejwe impunzi UNHCR, hamwe no mu bagiraneza ba Croix Rouge i Karashi, Peshawar na Islamabad. Mu mwaka wa 1988, Maziari aja mu gihugu ca Canada, kubandanya amashure yerekeye gufata amasanamu kuri kaminuza y’i Concordia, na Mc Gill. Yashoboye kuriha ayomashure kubera akazi ko gutunganya amakuru arivyo « editeur », hamwe no kugira amakuru yerekeye urudandazwa.

1995-1996: amaze kuronka urupapuro rw’umutsindo, Maziari ari mu banditse bakongera bagategura ikiganiro « Le voyage de St- Louis », cerekeye urugendo rw’abayahudi mu budagi barenga 900, bari bahunze ihonyabwoko mu mwaka wa 1939. Ico kiganiro carabaye rurangiranwa, (kiraca no ku matelevisio nka Discovery, Channel 4, VPRO, Canal+, eka n’ahandi), eka mbere kiraronka agashimwe bitiriye “Cable Ace”, kica cinjira mu murwi w’ibiganiro vyaronse agashimwe ‘Gemini’, kiba ikiganiro gifise amasanamu cambere cakunzwe n’abantu batari bake.

1997: Asubiriye muri Irani, agira isinema yitwa ‘Art of demolition’cerekeye akagwi k’aba nya Irani, basanzwe ari abahinga mu bumenyi no mu mico kama, bashoboye guhindura inzu yari yarabomaguritse, bakayihindura inzu y’indangakaranga, yubuhinga n’ubumenyi bwa none.iyo sinema yarabaye rurangiranwa nayo nyene, irerekanwa mw’ihayanishwa mpuzamakungu (IDFA) i Amsterdam, i Montreal, Thessalonica, eka n’ahandi, yerekanwa ku ma televisio nka Arte, Kanal, Bravo, n’ahandi...

Mu nyuma yiyo sinema niho haboneka ubuhinga bwo gufata amasanamu ku buhinga bwa technology digitale, ninaho yaciye ashobora gutangura, kwikorera wenyene mu gufata amasanamu, amajwi, hamwe no gutunganya wenyene amasinema yiwe.

1999: Isinema igira kabiri yakorewe muri Irani yitwa « Paint ! No Matter what. » yerekeye umuntu yakora kwisoko ry’ivyamwa muri Teherani. Yararonse agashimwe muri IDFA, irerekanwa no muyandi mahiganwa mpuzamakungu i Paris, Montreal, Thessalonica, ArtEsat, Sundance, n’ahandi.

1999: Maziari yarakoze amasinema icenda, aho yerekana agateka k’ibibondo, mu gisata ca UNICEF; yarakurikiranye ikorwa ry’isinema Wishes, na Wishes Not, yerekeye indoto z’umwana yihebuye, n’agakete abana b’impunzi bo muri Afganistan bandikiye Imana. Umugwi mpuzamakungu muriNew York warashimiye Unicef Irani kubwayo masinema.

1999: Maziari yarakoreye BBC2, mu biganiro vyerekeye isuzumwa ry’abanyagihugu, hamwe no kwibuka ingwano yabereye muri Irani.

2000: Yarakoranye n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi UNHCR, Ikiganiro ‘A refugee experience’ kuvyerekeye impunzi z’abanya afganistani ziri muri Irani.

2000: Isinema yitwa ‘Of shame and Coffins’ yerekeye igwirirana ry’umugera wa Sida muri Kwazulu Natal aho ni muri Afrika yepfo.yararonse agashimwe ka IDFA, mu nyuma karerekanwa mu bamenyeshamakuru kw’isi yose.

2001: Yarakoze isinema yerekeye umupira w’amaguru muri Irani, nayo nyene yararonse agashimwe ka IDFA, irerekanwa ku macinema atari make nka SBS, ZDF, DR2, nizindi, yarabaye n’akarorero, ku mahayanishwa nka MargaretMead, Seville, Bergen , n’izindi...

2002: 'And Along Came a Spider', yerekeye umuntu yica abantu abashize mu migwi, muri Irani, iyo nayo nyene yararonse agashimwe muri IDFA. Iyo sinema yarerekanywe ku ma television mu bihugu birenga 50 (HBO, France 3, NSP, DR, nizindi…) Yararonse agashimwe mu mahayanishwa mpuzamakungu arenga 100, iyo sinema yitiriwe iyambere mu masinema yerekeye ugutohoza, Emmy, muri 2005.

2002: Muri Kigarama 2002, Maziar yarakoze agakino kitwa 'A fairly justified Revenge', yararonse agashimwe ka Betty Nansen i Copenhage. Ako gakino kateguwe muri Kigarama 2002, kararonka agashimwemu Bwongereza muri 2005, kandi kazokwerekanwa mu bihugu vya buraya mu myaka iri imbere. Yarakoreye kandi I television yo muri Danemark.

2003: 'Mohammad and Matchmaker', yateguwe na BBC2, yerekeye umu nya Irani agwaye umugera wa Sida, yarondera umukenyezi bokubakana.

2003: Ibiganiro bigufi bigufi vyerekeye yegereyegere y’abanyeshure bo muri Irani yakoreye ikinyamakuru BBC Newsnight, hamwe na 'A tale of two cities', yerekeye ibigo vyabihebeye Imana vya Najaf na Qom, muri Irak na Irani, yabigiruye itelevisio ya Channel4 News.

2003: Isinema Dying to be Apart yerekeye amahasa Laleh na Ladan Bijani kuri Channel 4.

2004: Muri Kigarama 2004, Maziari yarakoreye Channel 4 News mu matora yo muri Irani, yongera aba umwe mu barongozi ba Channel 4.

2004: ibiganiro 3 bigufi bigufi, vyerekeye ingwano muri Irak, kuri channel 4: Sistani, Object of emulation, yerekeye umukuru w’aba Shias muri Irak; 'Losing Faith', ni icigwa yagize ku vyerekeye agateka ka zina muntu muri Irak, imbere no mu nyuma y’intwaro ya Saddam Hussein; 'Children of Abu Ghraib' yerekeye abana baboshwe muri Irak.

2005: Dreams of Gando yerekeye ubuhinga mu kubaka muri Burkina Faso, yaronse agashimwe Aga Khan for mu buhinga bwo kubaka.

2005: Shias of Irak, yakoranye n’abandi, yerekeye ikiganiro yagiranye n’umurongozi mu vy’idini Moqtada Al Sadr, niyindi sinema yerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa n’abasirikare babongereza, mu bumanuko bwa Irak, kuri BBC Newsnight.

2005: isinema ngufi yerekeye abagabo indwi baciwe amaboko ku ntwaro ya saddam Hussein, kuri Channel 4 News.

2005: ikiganiro kirekire, Target: reporters in Irak, yakoreye CBC, yaronse agashimwe ka IDFA.

2005: Agakino A fairly Justified Revenge na Romance in Abu Ghraib, vyarakinywe mu bwongereza.

2006: Drugs and Methadone Treatment in Iran, hamwe na Dissident Cleric:Grand Ayatollah Montazeri, ni ibiganiro bibiri vyo mu makuru, yakoreye Chanel 4.

2006: Maziari yarateguye urugendo rw’abavuzi b’ingoma, mu Burundi, mu gukeza abarundi babaye inkingi z’ubuntu, abo nabo ni abakijije abo badasangiye ubwoko mu gihe c’urwimo rwo muri 1993. Maziari ariko arakora isinema yerekeye urwo rugendo.

Maziari ariko arategura amasinema yerekeye ubuhinga bwo kubaka amazu, mu buryo bw’iki islam, kubw’agashimwe Aga Khan.

Mu myaka itandatu iheze, Maziari yabaye umumenyeshamakuru wa Newsweek muri Irani. Yaratembereye mu bihugu bitari bike vya Asia, Iburaya, Afrika na Amerika.

Uwumukeneye ari kuri: maziar@off-centre.net
 



© Burundi Voices Project, 2006.