English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ruciteme
 

Ruciteme ni imwe mu ngoma zishika munani ziri mu mico kama yo mu Burundi, Umurwi Ruciteme uvuza ingoma guhera muri 1989. I

mbere yuko intwaro ya cami ihera, muri 1966, ingoma zari zihariwe imiryango imwe imwe gusa, ugasanga bahana ubumenyi muri bo, se n’umwana. Bavuza ingoma mu bihe bikomeye nko ku Muganuro,igihe co kurya umwaka.

Muri kino gihe,vyarahindutse,uwari wese ashobora kwinjira umurwi w’ingoma. Muri Ruciteme hari abavuzi b’ingoma bakuze bagera ku 35, bari mu bwoko bwose, bagumye bavugiriza hamwe, no mu gihe c’urwimo. Igihe baja kuvugiriza mu turere tugwiriyemwo abatutsi, abatutsi bari muri bo, wasanga bakingira abahutu bari muri uyo murwi nyene, eka no mu gihe bagiye kuvugirirza mu turere tugwiriyemwo abahutu,abahutu bari muri bo bagira uko nyene.

Mu ntango zo mu 2004, Ntawe Richari na Lena Slachmuijlder, baciye batanguza umurwi ruciteme w’abana. Ubu abo bana bagera ku 23, bari hagati y’imyaka 5 na 15. (Genda ku rupapuro rwa Lena, mu kubona amasanamu yabo bariko baravuza ingoma).

1996: Bavugije mu rugendo rwa 25, mu gihugu c’Ubufaransa.

1998: Bavugije mu rugendo rwa 30, mu gihugu c’ubufaransa

2002: Bavugije mw’ihayanishwa mpuzamakungu Pan African Dance Festival, i Kigali mu Rwanda.

2003: ikiganiro The Monster of Tanganyika, ikiganiro ca televisio catunganijwe n’ibiganiro vya Gedeon.

2004: bariyeretse mu birori vyo gukeza inkingi z’ubuntu i Bujumbura

2005: baserukiye Uburundi mu nkino za Francophonie zigira 5,I Niamey muri Niger.

2006: bariyeretse mu birori vya Accord Africa Peace Award Ceremony, I Durban muri Afrika yepfo.

Bariyeretse mw’ihayanishwa Pan African Dance i kigali mu Rwanda

Uwumukeneye ari kuri: rntawe@yahoo.fr
Ntawe Richari, Ruciteme, P O Box 5226, Bujumbura, Burundi.
+257 250096/+257 831 709/+257 221 327
 



© Burundi Voices Project, 2006.