English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 








Ukwimenyereza
Ikibanza umurwi Ruciteme ukoreramwo kiri mu Buyenzi, hafi y'igisagara ca Bujumbura. Ikamio yuzuye ingoma iba irashitse kubatora. abavuzi b'ingoma, bambaye impuzu zirimwo amabara atukura, ay'urwatsi rutoto, n'ayera, baba baraje bashajije, biha agahogo baravyina, abahita bose bagenda bararorera.

Haheze iminota 20, dushikira umusozi, mu bumanuko bw'igisagara.ni ahantu habereye ijisho nico twahashimiye. Akazuba kariko kararenga, ku kiyaga Tanganyika, mu burengero hari igihugu ca Congo, umuntu arashobora kubona imisozi yaho mike. Mu buseruko, mu buraruko, no mu bumanuko naho hari imisozi miremire myiza, ikikuje ikiyaya c'Imbo.

Abavuzi b'ingoma bataruka bava muri ya kamio, baraduga amusozi, barikorera ingoma zabo ku mutwe, batangura gukubita umurisho.ubuhinga bwabo mu kuvuza ingoma be no kunonoka kwabo, ni akaroruhore, uza ubona badugije ukuguru bagakubita ikirenge ku mutwe w'ingoma bazikoreye. Bashitse hejuru ku musozi, bagira umuzingi wuguruye, batangura kwiyereka, bavuza ingoma, bazunguruka basubira, biyereka ukuntu birenze, bakabira ivyuya, basimbagurika nk'ingwe.

Twari tuzi ko bagira biyereke atabantu bari hafi, ariko ntivyakunze, abanyagihugu bagize igisagara ca Bujumbura ni benshi cane. Umudiho, umurisho, ukwiyereka kunezera ijisho, ntawashobora kuvyihanganira, abantu baciye basidukana n'iyonka baza kurorera.


 



© Burundi Voices Project, 2006.