English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 
Si umuntu wese yakijije abandi yitwa inkingi
Barankitse Maggie, ni umututsikazi, yahoze ari umwigisha. Mu gihe c'amagume, mu mwaka wa 1993, yaragerageje kunyegeza abahutu 70, bagomba kwicwa n'abatutsi wamengo bariye amavubi. "Babasanze aho yabanyegeje, babanyicira imbere", ariko Maggy atubwira atunga urutoke ikibanza kiri imbere y'inzu yiwe atwereka.

Aduha karibu mu nzu, Turinjira, aratuzimana imihwi, duca tuguma tuganira. Mu migumuko yakurikiye, Maggie yarakijije abana b'impfuvyi bagera ku 25, mu nyuma igitigiri cabo kigenda kiraduga. Mu bana yatabaye, harimwo abo wasanga bakomeretse, bahebwe ngo bapfuye; araheza arabitaho, ararungika bamwe muri bo wasanga barononekaye bakeneye umuganga abitaho, abarungika mu bihugu vya Buraya. Umwe muri bo, mbere niwe yariko araduha ivyo dufata, yari afise inkovu kw'izosi, aho umupanga waciye. Nca ndabaza Maggie yuko ata bana biwe afise, ati : "mfise abagera ku 10.000, " ariko aratwenga. Maison Shalom rero iraheza ikabitaho, ifise ibigo bitatu vyitaho abana b'impfuvyi. Maggy ntakunda kwerekana ubupfuvyi bwabo bana, ngo abashire mu bigo vy'impfuvyi binini binini avuga yuko: "Ndabubakira amazu yabo, bakagira imiryango, aho usanga babana mu nzu ari nka bane canke batanu. Gurtyo rero, umuntu arashobora kubitaho neza, uko bibereye."

Turaganira ivyerekeye izina rya Maison shalom, ndamubwira yuko ndi umuyahudi, aca atangura kuririmba akaririmbo 'Evenu Shalom Ha-lechem'. Wamengo si ivya kweri, ariko bishika ku mutima, kuba turi mu munezero, muri nya nzu yiwe aho mu Ruyigi, twumva ariko araririmba mu giheburayo.

Mu nyuma, dusubiye kuja aho abandi bari muri Cinema des Anges, ndamubaza uko ariko arabona uwu musi w'ugukeza inkingi uko uriko uragenda. Avuga yuko anezerewe, ariko ko atanejerejwe n'umuntu umwe ari mu nkingi, yigeze gushinga intahe. Yari amuzi. Ati: "nivyo yarakijije abantu batari bake, ariko yakijije abo bisangiye ubwoko gusa. Ni umututsi w'amacakubiri." Yahagaze ngaho nk'inkingi yerekana umututsikazi afise inkovu kw'izosi, aguma avuga ngo: "ehe raba ivyo abahutu bamugiriye!"
[Sinashoboye gutohoza neza ivyo Maggy yariko aravuga, vyerekeye uyo mugabo, kandi amasanamu yiwe ntayariko.-DST]

Kuri nya mugoroba nyene, dusubira i Gitega, mu gihugu hagati, kuraraho. Twari dushonje, tuja kuraba abavuzi b'ingoma aho bagiye gufungura, ahantu mu giswahili, ariko kubera bwari bwije, ntabintu vyari bigisigayeho, kandi nyeneho yari mw'idini ry'aba islamu, ntiyashimye kuduha inzoga. Duca turunguruza, tuja mu Magarama kwa Samueli, aradufata neza, imicopo, amabrochette, ubuswage, eka n'akayeri turenzako.
 

Maggie Barankitse


© Burundi Voices Project, 2006.