English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 




"Mwagize amakosa, kandi mutegerezwa guhanwa!"

Ingorane twagize n'umuhanuzi wa bulamatari
Umusoda umwe aca atujana twe na Maziari, Gladys na Richari, ahantu hari abantu babategetsi mw'ikomine, bari bahagaze ahantu ku gasozi bariko baraba ivyo turimwo. Umwe muri bo aridondora ngo ni umuhanuzi wa bulamatari, aca abaza Maziari yuko afise uruhusha rwo kugira ibirori ngaho.

Maziari ati: "ego cane, musitanteri yari abizi, twaramubariye."

Nawe ati: "none urafise uruhusha rwa bulamatari w'intara?"

Ati "eka, ntitwari tuzi ko bikenewe."

"Murarukenye nyene, ibi ntibibaho!"

Maziari ati: "turasavye imbabazi, ntavyo twari tuzi, none mubona twobandanya ibirori?"

Nawe ati, "haba namba! Mutegerezwa, kuja kwa bulamatari ku murwa mukuru wa Muramvya musabe uruhusha, hama muzogaruka uwundi musi!"

Maziari aratakamba ati: "ni ukuri ni mutubabarire, nivyo habaye ukutamenya amategeko, ariko mu nyuma tuzovyibuka, ariko ubu twaje tuva mu bihugu vya buraya, ngo dukeze izo nkingi z'ubuntu, zo mu Rutegama. Mudukundire ko twahashitse, tumare basi inusu saha gusa."

Nya muhanuzi wa bulamatari, arashavura, ararahira ati: "mwagize amakosa, kandi mutegerezwa guhanwa!"

Maziari nawe ati: "egome, turavyemeye twagize amakosa, kandi nawe uri mu kuri. Niwaba ushaka kuduhana, ntwara unkubite, ndumva ko nagize amakosa kudaca kwa bulamatari, ariko nanje noba ngize amakosa nsubiye inyumantakoze icari kinzanye."

mu nyuma niho Maziari yamubwira yuko hari abakuru i Bujumbura bazi ico gikorwa co gukeza inkingi, kandi ko boheva bashavurira uwo muhanuzi abandanije yanka ko ibirori bikorwa.niyo yajijuka, rero, aratanga uruhusha, ibirori birabandanya.

Mu misi ikurikira maziari ntiyasubiye kuhahonyoza ikirenge, yabonye abo bakuru b'i Bujumbura batari kumwe vyoheva bigorana na wa muhanuzi wa bulamatari.
 

Abanyaruciteme bari mu modoka ibajana mu Rutegama


© Burundi Voices Project, 2006.