English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 
Mu gihugu rero nk'uburundi, ukudakurikiza amategeko y'abari ku butegetsi, birahanwa bimwe vy'akarorero. Ugukurikiza amategeko y'abari ku butegetsi
Izo ngorane zariko ziraba hagati ya maziari n'umuhanuzi wa bulamatari, umuntu ashobora kubona ko ari ibisanzwe. Haba na mba, abo twari kumwe bose, Richari na Gladys Ntibareha, bari bagize ubwoba, baabona yuko ibintu bitoroshe.

Sinibaza yuko uwo muhanuzi wa bulamatari yatugoye kubera ivyo yavuga. Mu gusigura igituma twarinda kuronka uruhusha rwa bulamatari, yavuga ati: "nkubu hogira ico muba, vyogwa kuri jewe!" Ariko sinibaza na gato yuko yari atubabaye. Ahubwo ategerezwa kuba yatinye yuko abamurongoye boheva bamenya ibirori vyabaye, nabo kumbure ku ruhande rwa politike, n'imibano atavyo bashigikiye, nawe agaheva abizira.

Iyo bimera nabi, urumva twe na Maziari vyari kutugora. Ibirori vyaca bihagarara, ibikoresho vyacu bifata amasanamu, bigatwarwa, Maziari nanje, tugahagarikwa tugafungwa. Vyari kuba bibabaje, naho kumbure, ata nkeka yuko mu mwanya muto, uwuserukira igihugu c'ububirigi mu Bururndi yari guca aturekuza.

ku ruhande rwa Richari na Gladys, bari kugira ikibazo, kuko ntibari bakingiwe n'ishiramwe na rimwe ry'abanyamerika, canke ngo babe abamenyeshamakuru bo mu bihugu vya buraya. Ntibari kuronka uwuserukira ububirirgi ngo abavugira nabo.

Mu gihugu rero nk'uburundi, ukudakurikiza amategeko y'abari ku butegetsi, birahanwa bimwe vy'akarorero.
 



© Burundi Voices Project, 2006.