English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
René Lemarchand wewe yibaza yuko, baba abatutsi, baba abahutu, bose usanga umenga bagwaye ingwara yo kwibagira, hakaba ivyo badashiramwo, igihe bariko biga ivyabaye muri kahise. Igishushanyo
Ibintu vyose bishobora kuvugwa ku Burundi, usanga bijanye nivyabaye. Turavye nkivyerekeye amoko.Abatutsi bamwe bamwe bavuga yuko ata moko ahari, ngo "turi abarundi twese", nkuko uwahoze arongoye uburundi Petero Buyoya yabivuze igihe abamenyeshamakuru bamubaza, igitigiri c'abahutu, n'abatutsi bapfuye mu bwicanyi bwo muri 1988. Kugira ngo ntihagire uwagirizwa ko hari ikumirwa ry'abahutu, n'abatwaye igihugu imbere yiwe, ntibigeze bacisha mu kanwa ikibazo c'amoko mu Burundi. [3]

Hari inkuru zimwe zimwe zikoresha ibiharuro vyo mu gihe c'ubukoloni. Abahutu bangana ibice 84 kw'ijana, abatutsi nabo ibice 15 kw'ijana, nayo abatwa ni igice 1 kw'ijana. Ivyo biharuro rero ntibiringaniye neza, nk'abaganwa ntibarimawo, kandi ari abaganwa bahoze ari abatware, nabo akaba ari ubwoko buri ukwabwo.[4] Vyongeye, ivyo biharuro ntivyihweza abaswahili baje bahungira mu Burundi, impunzi z'abanyarwanda, ingorane ziturutse ku ruja n'uruza rw'abantu, abahutut benshi, eka n'abatutsi, bishwe mu gihe c'amagume, ivyo vyose vyagiye birahindagurika mu gihugu, birya biharuro ntivyabishizemwo. Naho biri uko, ntawoharira yuko abahutu aribo benshi, kandi yuko hari abantu mu batutsi usanga barabishimikiyeko cane.

Ivyinshi mu vyavuzwe kuvyerekeye abahutu, abatutsi nukugene bacanyemwo, usanga biri mu binyegezwa, be no kwiyamamaza. René Lemarchand wewe yibaza yuko, baba abatutsi, baba abahutu, bose usanga umenga bagwaye ingwara yo kwibagira, hakaba ivyo badashiramwo, igihe bariko biga ivyabaye muri kahise. [5] Ikigaragara coco ni uko ivyo bintu bidashobora gusigugwa nk'ingwano y'imigwi imwe imwe gusa, canke yuko ari iragi ryo mu gikoloni, iyo si insiguro ihagije.

Nkuko bimeze mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika, aho usanga igihugu kanaka kimeze uko intwaro ya gikoloni yakigize, mu Burundi si uko. Abahutu n'abatutsi babanye neza, kuva kera, kuva mu kinjana ca 17, eka mbere n'imbere yaho, babana neza, aho rero hari imbere yuko abazungu batangura gushira igihugu mu ntwaro ya gikoloni. Abahutu n'abatutsi bavuga ururimi rumwe, "ikirundi", imico kama, n'ubundi butunzi usanga ari bimwe. Ibintu vyaje biva hanze, usanga ata kibanza bifise. Abahutu n'abatutsi usanga bitoroshe ko bitandukanya uravye ibintu bibagaragaza, ngo abahutu bafise izuru rigufi, abatutsi bafise izuru rirerire. [6] Kenshi wasanga bituma bihenda mu gihe c'amagume, bakitiranya abantu n'abandi.

Ikibanza, n'akazi ubwoko kanaka bwari bufise muri kahise, navyo nyene vyarabacanishijemwo. Si abatutsi bose usanga bari aborozi b'inka, nkuko usanga atari abahutu bose usanga bari abarimyi. Ijambo 'umuhutu' usanga rifise insiguro zibiri. Ubwa mbere rijanye n'ubwoko, rijanye, ubugira kabiri rijanye n'umuntu afise ikibanza co hasi mu bandi, umuntu w'umukozi atumwa. Urumva rero abatutsi bitwa ko bari hejuru y'abahutu, ariko ubiravye usanga bari bamwe, utihweje ivyo vy'ikibanza n'iteka bari bafise mu bandi. [7]
 



© Burundi Voices Project, 2006.