English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
Abanyeshure babahutu nabo biga mu bihugu vyo hanze ku mfashanyo ya reta, barahamagawe ngo bagaruke mu gihugu batazi ivyo arivyo, babasanga ku kibuga c'indege, babatwara kubica. Ihonyabwoko ryo mu 1972 n'ubwicanyi bwo mu 1988
Muri Ndamukiza 1972, abahutu bo mu ntara zo mu bumanuko baragumutse. Baratera mu makambi menshi ya gisirikare, bagenda barica umututsi wese babonye, barica n'abahutu banka kuja hamwe nabo ngo bagumuke. Abatutsi bagera ku 3000 nibo bahasize ubuzima. Bwavuyemwo ubwicanyi ata kigongwe.nkuko Lemarchand abivuga, "Baciye babivuna ubwo nyene, haheze imisi itari mike, niho amakungu yasanga babivunye barinze gukora ihonyabwoko." [12]

Nkuko Yeremia Greenland abivuga, "iradiyo yico gihe, yatangaje ibwira abanyagihugu yuko bokwivuna umwansi, abatutsi bo mu gihugu hagati, niho baca bumva yuko babwirirzwa kwica abahutu bose baciye mwishure, guhera ku wufise amashure mato mato kugeza kubafise amashure menshi. Hari hateguwe ibiduga binini binini, bija gutora abana babahutu mu mashure, wasanga abo bigana babatutsi babanditse ku mpapuro amazina yabo, bakabatora bakabajana, ntawasubira kubakubita ijisho. [13]

Abanyeshure babahutu nabo biga mu bihugu vyo hanze ku mfashanyo ya reta, barahamagawe ngo bagaruke mu gihugu batazi ivyo arivyo, babasanga ku kibuga c'indege, babatwara kubica. abahutu bagera ku 250.000 nibo bahasize ubuzima, muri bo hari abafatwa n'abasoda bakajanwa ntibagaruke. [14] Aho rero ivyo bishobora kuba vyiyongeye, kubwicanyi bwakorwa n'abaciviles babatutsi, hamwe n'imigwi imwe imwe ifise ibigwanisho.

Icari giteye ubwoba rero, ni ukuntu ubwo bwicanyi bwasa n'ihonyabwoko.nkuko Lemarchand abivuga, "Mu guhiga abahutu bose b'incabwenge ngo babice, abo babikoze, ntibarondera kuzimanganya ubuzima bwabo bantu gusa, ariko kandi, bashaka gutera ubwoba zina muhutu wese aho ari, kugira ngo abahutu basigaye, bazogire ico bubaha, eka nabatari bwavuke, baze bakure bazi yuko kizira kugumuka. Lemarchand agira ati "naho nyene atawuzi abitanze mu gukiza abandi, hariho abatutsi bake babaye intwari, bitanze mu gukiza ubuzima bwabo badasangiye ubwoko. Naho rero bwari ubwicanyi bwarondera abahutu gusa, hariho abatutsi nabo babiguyemyo." [15]

Uravye igitigiri c'abahutu bari bashoboye kwicwa, vyari vyoroshe kugumiza intwaro y'abatutsi ku ngoma, igihe kitari gito. Ariko rero, hagumye haza haraba utugumuko duto duto, kugeza aho mu kwezi kwa myandagaro 1988, haba ubwicanyi bundi, mu buraruko bw'igihugu, amajana n'amajana y'abatutsi bakicwa. Igisirikare gica kirivuna ata kigongwe na gato, abahutu bagera ku 15.000 baricwa, harimwo abakenyezi, n'abana. Ico gitigiri cari no kurenga, iyo abashika 50.000 badahungira mu Rwanda.
 



© Burundi Voices Project, 2006.