English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
"Mw'ikomine imwe imwe, hatangwa igitigiri ntangere c'abagore, abana, batemaguwe n'imipanga, bacumiswe amacumu, baturiwe n'igitoro ari bazima." Urwimo rwo muri 1993
Abanyagihugu bamaze kumva ko umukuru w'igihugu bitoreye Melchior Ndadaye yagandaguwe, abahutu bo mu misozi batangura kwica zina mututsi wese, mu ntara nka zose z'igihugu. Mahwera Georgette inkingi yo mu Kinama yiboneye ubwo bwicanyi niwe agira ati "Abantu bari babaye nk'ibikoko.bari bashavuye cane, bumva bomara abatutsi, bakabakatagura mu duce duce." [16] Lemarchand ariko atanga iciyumviro ku cegeranyo canditswe n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, ku Burundi, agira ati: "igishushanyo kivyerekana ni ubwicanyi bwikinyeshamba. Mw'ikomine imwe imwe, hatangwa igitigiri ntangere c'abagore, abana, batemaguwe n'imipanga, bacumiswe amacumu, baturiwe n'igitoro ari bazima." Aho hose nta nkeka ko hari abarongozi bavyifashemwo nabi, barahagarikira ubwo bwicanyi." [17]

Ku rundi ruhande, biragaragara yuko bwari ubwoba abahutu bari bafise yuko baheva basubira kubahonya. Umuhutu w'umumenyeshamana niwe yagize ati: "twarababwira(abahutu basa nabasaze) tuti, reka gusesa amaraso, nabo bakatwishura bati, ehe raba namwe, kuva 1972, ni amaraso yacu yasesetse, ubu naho twumvise ngo Ndadaye wacu bamwishe! Ko bamwishe ni ukuvuga yuko bagomba badusubire..." [18] Ibiti wasanga vyiciwe mu mabarabara, ngo bategere imiduga yabasirikare, ngo ntibaze gutabara muma komine."uko niko data yapfuye, yari umwirimizi asanzwe..." Uko niko usanga bavuga, kuko vyagumye mu mitwe y'abantu benshi. Imiduga yarahagarikwa, abantu bakabakuramwo bakabica. [19]

Ukwivuna kwabasirikare ntikwari gutomoye. "Barihora mu kwica abanyagihugu b'abahutu, " nkuko Mahwera Georgette abitwiganira, yahunze ava mu Kinama ari kumwe n'abandi bahutu b'ababanyi; avuga ati "bica zina muhutu wese, bataravye yuko afise uruhara muri ubwo bwicanyi canke atabufise.utabegeye inyuma, abasirikare bari bateye ubwoba." [20] Nk'akarorero dusanga ko muri ca cegeranyo cerekeye ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu aho cagira giti: "Abasirikare baza bari mubikamion, amaburende, ukaza ubona bashize abahutu bose ahantu hamwe, babaryamitse hasi ku nguvu, bakabateramwo igrenade, ikabaturikiramwo, bagaca bacumita abasigaye n'imbugita zo ku nkoho." [21] Igisirikare caratera no mu mihana, aho wasanga atabacanyemwo. Mu mezi abiri, abarundi 50.000 baba barishwe. [22]
 



© Burundi Voices Project, 2006.