English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 
"Umuhutu wese yinjira mu bice vy'abatutsi yaricwa. Umututsi wese yinjira mu bice vy'abahutu yaricwa nawe nyene." Imyaka yaranzwe n'inryane mu buzima bw'igihugu
Naho itembagaza ry'intwaro ritabaye rigishobotse, igihugu ni nkaho ata reta cari gifise.mu kwezi kwa Nzero 1994, Inama shingamateka igena Cypriano Ntaryamira ngo abe ariwe arongora igihugu, asubirire Ndadaye. Amezi abiri arangiye. Aba arishwe nawe nyene. Yari mu ndege imwe n'umukuru w'igihugu c'Urwanda Yuvenali Ntaryamira, aho indege barimwo yaraswa. Ukwicwa kwa Havyarimana, kuba kurateye ihonyabwoko mu Rwanda. Ntibantunganya Sylvestre, yari atwara inama Nshingamateka, aba ariwe asubirira Ntaryamira. Ibintu bica birayangara mu gihugu, amatora mashasha yasabwa n'ibwirizwa shingiro, ntiyari agishobotse. [23]

Abarundi bari bahunze, ahenshi bari abatutsi, baca bararonka abandi batutsi bo mu Rwanda babasanga mu buhungiro, bahunze ihonyabwoko mu gihugu cabo. Baca baja mu makambi y'impunzi, baja hamwe bagira imigwi yitwa "sans-echec", ni ukuvuga "nta gutsindwa", iyo mirwi yari iyo gusukura amakartiers yabo, mu kwica abahutu bose baba mu micungararo. Rimwe na rimwe barafashanya n'abasirikare mukwica abahutu bo mu mihana y'iruhande. [24]

Kuja mu mihana imwe imwe, vyarashobora gutuma uhasiga ubuzima. Kubwimana Izaake agira ati: "muri 1994, igisagara ca Bujumbura cari gikikujwe n'imihana y'abatutsi gusa: mu Ngagara, mu Nyakabiga, ku Musaga, mu Cibitoke, ku Mutakura, no mu Bwiza. Mu Kinama no mu Kamenge niho hari abahutu. Haheze amezi make, abaciviles b'abatutsi hamwe n'igisirikare baja gutera ayo ma kartier abiri, kugeza aho abahutu bayahunga. Umuhutu wese yinjira mu bice vy'abatutsi yaricwa. Umututsi wese yinjira mu bice vy'abahutu yaricwa nawe nyene. Mu makartiers abiri yonyene niho wasanga abatutsi n'abahutu babana hamwe: mu Buyenzi, hamwe no mu Kanyosha." [25]

Muri nya gihe nyene, abahutu baciye biga kwirwanira, bagira ibitero ku basirikare, no muma kambi y'impunzi y'abatutsi. Nkuko vyamye, igisirikare gica kirivuna. Nkuko Gasabanya Maurice yabitubwiye, uyo ni umwe mu bavuzi b'ingoma bo mu murwi Ruciteme, "hari ibihuha bivuga yuko mu mihana iwacu , hari umwe mu bakuru batwara imirwi y'abahutu. Abasirikare rero baca baraza... Binjira barasa umuntu wese bahuye. Abantu bagera ku 2000 nibo bishwe uwo musi, abandi batari bake barahunga." [26]

Abahutu bo muri FNL, umurwi w'abahutu bitwaje ibirwanisho umaze kuza muri Bujumbura Rurale, abasoda baca bashira abanyagihugu mu makambi y'impunzi hagati mu gihugu. Nkuko Slachmuiljder abivuga, "vyaraboneka yuko abanyagihugu basa n'abariko baronka igihano, cuko hariho imirwi yitwaje ibirwanisho mu mihana yabo." Bari babayeho nabi cane muri ayo makambi yabo. Mu mwaka wa 2000 niho umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo Mandela Nelson yateye akamo reta ngo itangure ibiganiro vy'amahoro, abanyagihugu babona gusubira mu mihana iwabo. [27]

Ntibantunganya ntiyashobora kuyobora neza igisirikare.mu kwezi kwa Mukakaro 1996, igisirikare gica kiramukura ku butegetsi, Petero Buyoya aca asubira ku butegetsi.Amasezerano y'i Arusha, mu kwezi kwa Mukakaro umwaka wa 2001, yashikanye igihugu ku ntwaro mfatakibanza igizwe n'abahutu hamwe n'abatutsi. Mu kwezi kwa Myandagaro, 2005, Nkurunziza Petero yahoze ari umwigisha muri Kaminuza y'Uburundi, akongera agatwara umuhari CNDD-FDD, uharanira Democratie, umwe mu bahoze mu mirwi yitwaje ibirwanisho, aratsinda amatora, aca ashiraho reta nshasha ihagaze ku ntwaro rusangi. Mu kwezi kwa Ruheshi 2006, umuhari FNL nawo nubu ucitwaje ibirwanisho, waremeye kuja mu biganiro na reta ibiganiro vyo guhagarika ingwano.i Imyaka 12 irarangiye, umukuru w'igihugu Ndadaye Melchiori agandaguwe, ingwano hagati y'abanyagihugu irashobora kuba igiye kuzohera.

Ingwano ihagaze kumoko yatumye abarundi batari bake bataronka aho bakika umusaya.Abantu bagera ku 300.000 barahasize ubuzima kuva muri 1993. Nta murundi numwe atabuze.abantu bagera ku bice 92 kwijana nibo babuze ababo muri iyi myaka y'ingwano ihaciye, nkuko ibiharuro vyagizwe n'ishirahamwe Search For Common Ground ribivuga. [28]
 



© Burundi Voices Project, 2006.