English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ingwano iturutse ku moko mu Burundi
 


Hari ivyabaye muri kahise, bitatorewe umuti, ninaco gituma igihugu kiguma kigaruka muri za ngorane nyene.

Ukudahana ivyaha
''Ubwicanyi bumaze imyaka n'imyaka aribwo buranga igihugu, Alison DesForges, wo mu murwi ujejwe agateka ka muntu Human Rights Watch, avuga yuko hageze ko abakoze ivyaha vy'ubwicanyi bahanwa. [29] Ariko rero, reta nshasha isa n'iyitavyumva uko, uguhana abagirizwa ubwicanyi ntibiyiraje ishinga.

Amasezerano yemejwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu kwezi kwa Ruheshi 2005, yasaba yuko hoshirwaho vyihuta, umurwi ujejwe gutohoza ivyabaye, ivyaha vy'ihonyabwoko vyabaye, ababikoze, n'ababihagarikiye guhera ku rwego rwo hejuru. Uwo murwi ni uwo gutohoza ubwicanyi bwose bwabaye kuva Uburundi bwikukira. Uwo murwi rero naho utarashirwaho kugeza ubu, ufise uruhara ruhambaye rwo gushira ukuri ahabona, no kunywanisha Abarundi, kugira" ntihaze hongere kuba ubwicanyi nkubwo mu Burundi, vyongere bifashe kudahana ivyaha, mu Bururndi, eka no mu karere kose k'ibiyaga bigari." [30]

Hagati y'ukwezi kwa Nzero na Ntwarante 2006, abanyororo bagera ku 3000, nibo barekuwe, ata rubanza bacirirwe.muri abo barekuwe harimwo, aba "sans-echec", abo nabo yari imigwi y'abatutsi yitwaje ibigwanisho, yica ikongera igasahura amatungo y'abanyagihugu; harimwo kandi abahutu bahoze bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho, abahutu bo mu murwi wahoze ari FDD. [31] Nkuko abarongozi b'igihugu bavyiganiye wa murwi ujejwe agateka ka zina muntu (HRW), ngo abo banyororo bitwa ko bari bapfungiwe ivyapolitike, irekurwa ryabo ni "iry'agateganyo", ariko hagize icaha bagira bazogihanirwa. [32] Ubutungane bwagumye bucumbagira mu Burundi. Mu biganiro hagati ya reta n'ishirahamwe mpuzamukungu ONU, vyo muri Ntwarante 2006, vyamaze indwi yose, ariko ntacavuyemwo, kuko ntibashoboye kwumvikana, kubantu bazoba bagize uwo murwi, n'uwuzowurongora. Ivyo biganiro bizobandanya mu misi iri imbere nkuko vyabwiwe abamenyesha makuru. [33]

Mw'ijambo ryashikirirjwe na reta y'Uburundi itariki 2 za Ruhuhuma uno mwaka, reta ifise intumbero yo kunywanisha abarundi, mu gushiraho ubutungane nyakuri, mu gihe umengo ukurekuriranira ntikugishoboka. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue iteka, ntiryumva kimwe na reta ku vyerekeye irekurwa ry'abanyororo bapfungiwe ivya politike.abatotejwe be n'abiciwe ababo mu gihe c'amagume ntibahumurizwa nabo nyene, kuko babona yuko abo barekuwe batazigera bacirigwa urubanza. Abandi nabo bafise amakenga yuko abo barekuwe bazoca batoteza abasigaye ku mitumba, n'abiboneye ukugene abo barekuwe bishe ababo ico gihe. [34] Ivyabaye muri kahise, bitatorewe umuti, usanga n'ubu arivyo biguma bigaruka.
 



© Burundi Voices Project, 2006.