English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
"Twari kuri iyi mbwa y'umututsi, hanyuma iyi mbwa y'umuhutu ica iraza kutugora." Nizigama Yuvenali (Ibikurikira.)

"Niwaba ugomba yuko tumureka, ategerezwa kwikorera bino bintu." Aho bavuga ayo mabati, nibindi bintu bari bamwivye. "Duca tubona kumurekura."

Ivyo ntivyampumurije, kuko nabona ko nibamujana bonyene ngo abibatwaze, baruhira kumwica.

"Nimutware ikinga ryiwe, n'amafaranaga yiwe gusa, ariko ndabasavye we mumureke yigire"

Buno nyene haca haza umwe muri bo, yasa nuwubaruta mu myaka, akaboneka ko ariwe abarongora. Yari afise umupanga mu minwe.ati: "ni ibiki hano?" yasa n'uwushavuye.

"Twari kuri iyi mbwa y'umututsi, hanyuma iyi mbga y'umuhutu ica iraza kutugora."

Ndinginga uwo mukuru wabo, ngo areke uwo muhungu agende.aca ankubita igipanga mu mugongo, ndatembagara hasi, ndamusaba imbabazi, ngo andeke. Niho rero, nabo bandi baca batangura kudukubita ibihiri. Baragomba kunta hirya ngo bibandanirize, guhohotera ubuzima bwa wa muhungu, nawe yari akiboshwe.

Haheze umwanya, wa mukuru wabo avuga ati: "ngomba ndamureke arengane, ariko umenye yuko utemerewe gusubira kurengana hano, na cane cane muri kino gihe." Baca baramubohora, bamuterera hirya. Atembagara hasi, ndamufasha kwurira kwikinga ryiwe, nca ndamujana.

Aha mwomenya yuko kubera ndi umuhutu, sinashobora kuja mu karere k'abatutsi. Ikomine yavamwo, irimwo impunzi nyinshi z'abatutsi bahungiye mu Kabezi. Iyo mpirahira ngo njeyo, baca banyica. Niho rero tugeze ku birometero bike ngo dushike iwe, nca ndamubarira ngo agende wenyene, abandanye ashike amahoro. Yaranshimiye cane, kubona naramukijije ubuzima.

Aca arabandanya aja kwikomine, nanje ngaruka i muhira. Uwo muhungu rero, ntitwari dusanzwe tunazinanye. yagumye ari umugenzi kugeza aho yitabira Imana. Nahisemwo kumukiza ubuzima kuko ari ikiremwa muntu. naho tudasangiye ubwoko, twese turi abana b'Imana.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.