English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Nizigama Yuvenali
 
"Ntibikuraba, nturi n'umututsi, uri umuhutu, uyu nawe ni umututsi, none ugomba iki?"
Nizigama Yuvenali
Yuvenali yakijije umuhungu akiri muto i Ramba, mugihe c'amagume. Yarakejwe mu birori vyabereye mu Ruziba, muri Ndamukiza 2006, aho twaganira. Mba mu Ruziba, kwibarabara rija ku Mugina.Nariko ntwara ikinga mva mu Kabezi, nikoreye umuceri, ndiko ngenda i Ramba. ni akarere k'abahutu cane cane.muri nya gihe, ku batutsi ntivyari vyoroshe kujayo. Ndiko ndahashika, mbona umuhungu w'umututsi akiri muto, aryamye ku nkengera z'ibarabara. Yari aboshwe, akikujwe n'akagwi k'abahutu bafise imipanga. Iruhande yiwe, hari amabati, n'utundi tuntu mwisakoshi, biboneka ko ari ivy'uyo muhumgu.

Ndabaramutsa, ariko ntibanezerwa no kumbona, nasa nuwubaciriyemwo.

Ndababaza nti: "ni kuki uwo muhungu aboshwe, mugomba mumugire iki?"

Ntibanyishura, ndabandanya nti: "ni kuki none mumuteruye?"

Nabo bati: "ntibikuraba, nturi n'umututsi, uri umuhutu, uyu nawe ni umututsi, none ugomba iki?"

Ndababaza nti: "mugomba mumwice?"

"Abatutsi bishe umukuru w'igihugu, nawe agomba abizire."

Ndababwira nti: "uyu muhungu aracari muto, sinibaza yuko yoba azi nivyashikiye umukuru w'igihugu. Ni akarenganyo kuri we, kuzira ivyo atakoze."

Nabo bati: "ntava hano akiri muzima, dutegerezwa kumwica."

Baca baramutwara nikinga ryiwe, ubwoba burantera, ndabakurikira.

Ndabatakambira nti: "ntimukore ibara, ndabinginze.nimutware ikinga ryiwe, n'amafaranga yiwe, ariko mumureke yigire. Siwe yatumye umukuru w'igihugu bamwica."
 



© Burundi Voices Project, 2006.