English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 




Komine Kinama, mu Gisagara ca Bujumbura
Inyuma y'umutaga, turabandanya no mu Kinama, mu Buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. ibicu vyari bitanguye kwirabura, kuko hari mu gihe c'imvura, abavuzi b'ingoma aho bari muri ya Kamio, batangura kunyagirwa, kuko ntihari hapfutse hejuru; ariko ntivyabaciye intege, umurisho bagumijeko.

Nari nagize amakenga yuko bitaza kugenda neza, ariko rero dusanga abanyagihugu baho batwiteze. bari bateguye ihema ryo gupfuka abashitsi, inkingi, n'abakijijwe.abafata amafoto bari babapfutse n'imitaka, ariko iyo mvura yari nyinshi batavyiteze, hariho abanyagiwe.

Inkingi zitari zike zarakejwe muri ivyo birori vyabereye mu Kinama, abenshi ni abo mw'ishirahamwe Abaniki, ishirahamwe ry'abagore, bafashanya, bagasanura amazu yasambuwe mu rwimo, bagatera n'intege abahunze ngo batahuke. Muri bo harimwo Nahimana Meria, Nahimana Paulina Mpawenimana Valeria, Mahwera Georgette, Ntaconzobimanitandekuye Cyprienne, Ryakiye Yvona and Barakomeza Leonia. Abo bakijije nabo nyene bari ngaho.

Ico gihe niho honyene abana bo mu murwi Ruciteme nabo biyereka, bakavuza n'ingoma. Slachmuijlder Lena na Ntawe Richaribatanguje uyo murwi mu mwaka 2004, none ubu bageze kuri 23, bafise imyaka iri hagati ya 5 na 15, ubuhinga barabufise nka bakuru babo. (Raba ku rupapuro rwa Lena, mu kubabona biyereka.)
 



© Burundi Voices Project, 2006.