English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Slachmuijlder Lena
 





Imbere yuko agenda kurongora ishirahamwe Search For Common Ground mu gihugu ca Congo, Lena Slachuijlder yari umuyobozi wa Studio Ijambo, imwe mu mashami ya Search for Common Ground mu Burundi. Studio Ijambo niyo yashizeho ikiganiro gica ku maradiyo inkingi z’ubuntu, ninayo yatunganije ihayanishwa ry’ugukeza ababaye inkingi z’ubuntu.

Lena yafadikanije akazi kiwe ko gutorera umuti amatati, hamwe no gukunda akongera akitaho ingoma zo muri Afrika.kukaba nkavyo, yaranditse ati “ingoma ni ikintu ciza ku mitima,n’ivyiyumviro y’abantu,baba abariko barazivuza,baba abarorerezi”, kandi abavuzi b’ingoma bavuye mu bwoko butandukanye, baba baronse akaryo ko kuja hamwe.[201]

Muri Mukakaro 2002, Lena yahuje abacuraranzi bagera ku 800, mw’ihayanishwa The Spirit of Sangwe Peace Festival. Ninaho yaca atangura gukorana na Ruciteme.

Lena arakunda kwitaho abacuraranzi bagitangura umwuga. Umugenzi we ava mu gihugu ca Ghana asanzwe ari umuhinga muvyo kuvuza ingoma, niwe yamufashije mu kwegeranya abana bari bashwiragiye mu gisagara ca Bujumbura, mukubaha inyigisho zibafasha, Richari Ntawe, baba bari kumwe nawe akabafasha. Lena agira ati: “abo bana barabikunze, naho uwo munya Ghana yari yaragiye, nagumye ndabikora ku mpera z’iyinga…’ Twabikoze mu mpera z’umwaka wa 2002 na 2003.”

Mu ntango za 2004, Lena na Richari batanguye gukorana, mu gufasha abana bo muri Ruciteme, baguma bakorana kugera Lena ave mu Bururndi muri 2005. Abo bana bageze kuri 23, bafise imyaka iri hagati ya 5 na 15.baragize ibirori mu gihe co gukeza inkingi, bongera bariyereka no mu birori vyo gukeza inkingi mu Kinama. Lena aheruka kumbarira ati:ngomba kuzobazana i Bukavu (muri Congo) mu kwezi kwa Mukakaro na Myandagaro, uno mwaka wa 2006, mu kintu nokwita ubuhinga n’ubumenyi bw’urwaruka ruvuza ingoma, mu biyaga bigari.’ Ati,: ‘indwi tose abarundi,abanya congo, umumenyereza w’umugenzi ava i Kinshasa, kumbure n’abandi bava mu Rwanda boza nabo nyene? [202]
 



© Burundi Voices Project, 2006.