English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 






Intara ya Ruyigi, mu buseruko bw'igihugu c'Uburundi
Tugenda mu kibanza co ku murwa mukuru wa Ruyigi, Cinema des Anges. imbere ya sasita. vyari ibirori bihambaye gusumvya ibindi twagize, haje abantu benshi cane, harimwo inkingi z'ubuntu, abakijijwe, n'abandi bashitsi b'iteka.

Barankitse Maggy ni umupfasoni abereye ijisho, yambaye neza, aca arafasha urubanza; mu nyuma niho numva yuko ari inkingi nawe.muri cinema des anges, hari hirabura, duca dushima kubigirira hanze, habona.abatamvyi bo mu Rusengo, bari bagizwe n'abigeme, baja hamwe na Ruciteme, bararemesha ibirori, mu vyino, n'intambo.Inkingi zitari zike, zirashinga intahe, harimwo Paul Bandiyimisi, umutama akuze, iruhande yiwe umukenyezi muremure Kagari Rosa, umwe mu bantu 35 yakijije ba n'umuryango wiwe. Paul ahejeje kuvuga, aha micro Rosa nawe; bugingo atanguye kuvuga ingene ibintu vyagenze kirya gihe, amosozi amutanga mu maso.inkingi yonyene itigaragaje ngo ishinge intahe ni Maggy. mu nyuma, inkingi nabo bakijije baraheva baja muri Cinema des Anges gufungura. Numva ntashonje, Maziari nawe yaguma afata amajwi yongera afata amasanamu, nca nkurikira Maggy, aranyereka imicungararo yaho mu Ruyigi.

Turiko turaja imuhira iwe, mbaza Maggy nimba Cinema, n'izina bahaye ishure ryiwe, bifitaniye isano, ati: "ego vyose ni ivya La Maison Shalom. ishirahamwe ritegamiye reta ndongoye." Mu nzira agenda aranyereka ibanki, ihoteli ntoyi, navyo nyene ambwira ngo ni ivya Maison Shalom.
 



© Burundi Voices Project, 2006.