English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 

 
Bandiyimisi Paul na Kagari Rosa
 
"Sinashobora kwumva ingene umuntu ashobora kwidoga ngo arashonje mu bihe nkivyo. N'abana banje bari bamaze imisi badafungura, ntibidoga. Nibaza yuko urupfu rwariko ruramuhamagara".
Bandiyimisi Paul na Kagari Rosa
Paul yakijije Rosa hamwe n'abandi batutsi bagera ku 34 mu gihe c'urwimo. Paul yarakejwe mu gihe c'urugendo mu ntara ya Ruyigi muri Ndamukiza 2006, ninaho yadushingiye ino ntahe.

Rosa: Mvuka mu rusasa ariko ubu ndi mw'ikambi y'impunzi, si kure ya hano i Muriza.

Paul: Mva ku musozi wa Kiyabu, mu karere ka Buyongero.

Rosa: Ubwicanyi bwatanguye igihe c'isaha icenda zo ku muhingamo. Duca turahunga be n'umuryango wanje wose tuja mwishamba kwinyegeza. Nari mfise abana 5 n'uwagatandatu mumbanyi. Twumvise induru, duca twibaza ko ari abicanyi. Abana banje bafatwa n'ubwoba, ariko ndababwira bacereze. Nca nsanga uwo muntu ariko avuza induru ni incuti y'umufasha wanje. Aca aramenya aranyakura. Ambwira ngo yumva ashonje, kandi ngo bishe abiwabo bose. Ngo kigoyi kiramwishe.

Sinashobora kwumva umuntu avuga ngo arashonje mu bihe nk'ivyo. N'abana banje bari bamaze igihe ataco bakoza ku munwa ntibashobora kumbwira ngo ndabahe imfungurwa. Nibaza ko urupfu rwariko ruramwakura. Akaguma yibaza niba abicanyi bofata akaruhuko gato agashobora kurondera utwo akoza ku munwa. Ngo "ndanyotewe", ariko avuga. Numva nshaka amazi yo kunywa. Tuza tubona avuye hasi, aragiye, ngo agiye kunywa itabi.

Buno nyene aca arafatwa, akikuzwa n'akagwi k'abicanyi. Baramuboha, arabatakambira ngo bamureke, bararahira. Umwe muri bo w'umugore ati, "reka ndamuhe icigwa". Baca batangura kumukubita gose, kugeza aho araba. Wa mugore abwira abo bagenzi we ati, impa imbugita ico nikorera. Arakira iyo mbugita aca arahimbura ibihimba bimwe bimwe vyiwe. Vyari biteye ubwoba. Sinumva ico yabigiriye. Ni ibiterasoni, sinokwubahuka no kuvuga ivyo bihimba ivyo arivyo. Aca aracikana buno nyene. Neza imbere yabo bicanyi, naje ndorera gurtyo aho nari nyegeye. Ba bana aho bari nabo nyene barumva ko wamuntu yapfuye, ubwoba burabica, batangura kurira.
 



© Burundi Voices Project, 2006.