English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Nahagaritse imodokari ivuye i Bujumbura, nca nsaba umudereva wayo ngo amutware mu Ruyigi aho abona hatekanye. Namuhaye amafaranga 2500, mbwira iyo ncuti yanje nti: 'genda mujane, Imana niyabishaka tuzosubira kubonana.'"
Bandiyimisi Paul na Kagari Rosa (Ibikurikira.)

Paul: Mu masaha yo mwijoro, inyuma y'isaha zitandatu zijoro, nca mfata umututsi umwe ndamujana kwibarabara. Mpagarika imodokari yari ivuye i Bujumbura, ndatakambira uwari ayitwaye ngo amutware gushika mu Ruyigi. Uyo mushoferi ndamuha amafaranga 2500, mbwira uwo mututsi, nti nimujane, Imana niyabishaka tuzosubira kubonana. Uko niko yarokotse, kandi aba hagufi ya hano. Mu nyuma uko haza imodoka niko narungika nabandi barokoka uko.

Rosa: ivyo Paul yatugiriye ntivyanejereje bose, ariko yakoze igikorwa gikomeye. Gushika uno musi turamukengurukira. Naho mubona uno musi ndi umwe hano, turashika 35, turanezererwa vyukuri nivyo yadukoreye.

Ikibazo: Ubona kuba warakijije abatutsi bituma witwa umuhemu mu bahutu bene wanyu
Paul: Bamwe barashimye igikorwa nakoze, hari nabahora bankengurukira. Hari nabandi, babonye ko ataco vyabamariye kwica. Ariko abashoboye gufasha abandi bakabanyegeza, bumva banezerewe. Kubinyerekeye, numva mpimbawe kubona narakijije ubuzima bwa kiremwa muntu, abo bantu bakaba bakiriho. Tubanye mu mahoro, turakundana, ntawurya urwara uwundi, kandi nibaza ko ari vyiza.

Rosa: Nibaza ko Paul, abagore biwe, abahungu biwe n'abakazana, bakoreshejwe na mutima mweranda. Sinumva ingene umuntu ashobora kwemera kwigura abo badasangiye ubwoko, kandi azi ko ashobora kubizira, Imana yonyene niyo izomushimira. Ntaco mbona nomuha, ndacari mu buhungiro, sinoronka ingene nomushimira bikwiriye.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.