English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
Rose Kagayo
 
Kagari Rosa
 
"Ubwo nyene nza numva umugabo wanje aboroga. Bariko baramukubita. ubwoba buranyica, nca nta igitoke nari mpejeje guca aho nyene, ndiruka".
Bandiyimisi Paul na Kagari Rosa (Ibikurikira.)

Sinigeze ndira kuko nabona yuko natwe baheva batugira guryo; abo bicanyi barabaza bati, "hoba harimwo abahungu b'abatutsi muri mwebwe? Nta mututsi n'umwe abwirizwa gusigara akiriho!" Niho rero haza umugabo umwe, abwira abo bantu ati, ni mureke abo bantu bigire. Duca turashobora gusubira i muhira n'abana banje. Bamwe mu babanyi banje baratangara kubona nkiriho, ngirango bari gushima bumvise ntakiriho. Twumva rero turashonje vyukuri n'abana banje, ariko ntivyari bihumurije kuja mu mirirma gusoroma, ariko ndibaza nti n'ubundi ntaco ncera, reka nkubitireyo. Nca ndajayo nzana igitoke dufungura n'ab'imuhira.

Ubwo nyene nkiri mu mirima, nza numva akaruru, yari umushingantahe wanje, bariko baramukubita, nawe aboroga. Niho nataha ngasanga ikiziga ciwe ku mpande y'inzu, bari bahejeje kumwica. Hari ku musi wa gatandatu, nca mbwira abana turahungira mw'ishamba kwinyegeza. Sinigeze nsubira kwibuka nuko dushonje.

Turi mw'ishamba duhura n'imbwebwe, aho gukoma induru ngo twiruke, nca ndayivuma buke buke nti, "hoshi genda", kuko nari nzi neza yuko mpirahiye ngo nkome induru, abicanyi bonyumva bagaca batwica. Sinobabwira ayo nagowe, birarengeye. Twahavuye duhungira kwa Paul, dusanga hariyo abatutsi bagera ku 35 basavyeho ubuhungiro. Nawe yari afise akabare abantu bakunda kuza guteramiraho, banywa vyeri, ariko bugingo aduhungishirije iwe, ntiyasubiriye kugurura ako kabare. Twarahaghumye imisi itari mike, abapfasoni biwe, eka n'abana biwe baratwitayeko bikwiye.

Paul: Nabawiye ko boguma mu gacerere kandi ntibatinye, kuko mu gihe nkiriho ataco bashobora kuba. Narabitwararitse uko nshoboye, ndabafungurira, nkabavomera amazi yo kwiyoga, abagore banje bakabaha amavuta yo kwisiga. Bishitse naho ngakenera kubanyegeza ahandi, naca ndabasanzayo imfungurwa, eka ico naronka cose narabaha.

Igitero kimaze kuza iwanje, nca ndabona ingene barunguye, bagomba kwica abantu! Vyari bigoye koko, nari nzi neza ko ninafatwa nyegeje abatutsi, baca batwicira hamwe. Ariko sinacitse intege na gato, ndabaza abo bicanyi bansanze iwanje, nti: "mbega ni kuki muriko mutera uruhagarara hano, jewe ndi umuhutu nkamwe, ntimwoja kurondera abatutsi mu mihana i wabo?"
 



© Burundi Voices Project, 2006.