English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Mu nyuma barasubira mu nzu kwa Bucumi kumubaza yuko yaduturiye. Ati 'oya, bizoba atari bwenge bw'abatutsi, mwapfuye gukura ikirenga baca baratoroka, sinabonye naho baciye'".
Bandiyimisi Paul na Kagari Rosa (Ibikurikira.)

Rosa: Paul yagumye yihagararako. Aca abwira umwe mu bagenzi biwe ngo atunyegeze, uwo nawe amaze kubona abo bicanyi aca agira ubwoba, aranka kutunyegeza. Biraheva birayangara, Paul arabatakambira ngo ntibatwice, ariko bari bashavuye cane, barasambura uburaro bw'ingurube, kugira baronke ibiti vyo kuduturira. Paul ahagarara imbere yacu ararahira ko batwica aruko bamutambutse ku muvyimba. Baca baratureka baragenda. Bagiye, umuhungu wa paul aca atujana kutunyegeza ku wundi musozi, ku mugenzi wiwe yitwa Bucumi, aca amusaba ko yotunyegeza mu nzu iwe.

Paul: Ba bicanyi baragarutse bukeye imuhira iwanje kuraba ko ba batutsi ariho bakiri ngo babice, barababura.

Rosa: Ba bicanyi baraheva badusanga mu nzu kwa Bucumi, bamutegeka ko yodusohora hanze. Bucumi aca ababwira yuko ahubwo agomba atwugaranire muri iyo nzu hanyuma aduturirireyo. Arabemerera yuko aza kwirabira neza yuko twaturiwe turi bazima. Abicanyi bagiye, araza atubwira ati: "ntimugire ubwoba ntaco ndabagira". aca atubwira ngo ntituve mu nzu tugumane n'abana biwe. Mu gitondo ca kare, aratuvyura ati nimugende mwishamba mwinyegeze, mushwiragire, bamwe baje hino abandi hariya kugira ngo nihagira abapfa, hagire n'abasigara.

Mu nyuma ba bicanyi barasubira ku rugo kwa Bucumi kubaza ko yaduturiye. Nawe ati, "eka, buzoba atari bwenge bwabatutsi, munyuma zanyu baciye batoroka, sinabonye n'aho baciye!" Muri iryo joro nyene, Paul yaradusanze aho twari twinyegeje atuzanira imfungurwa, araduhumuriza ngo ibintu bigiye kumera neza. Mwijoro yaraza kuturarira, yaranakijije abandi munyuma, arabazana aho turi.

Umusi umwe, abatwa* baraje ngo bagomba batwice. Umuhungu wa paul asohora umupanga ati uwambere yegera hano, aca ahasigara. Baca bagira ubwoba bariruka. Paul ntiyasiba kuza kuturaba, atugemurira, kugira amenye neza ko ataco tubuze. Yaguma aducungereye umutekano, uwuhirahiye ngo aratwegereye barihurira. Muri nya mwanya Paul n'abahungu biwe nibo baturarira, bakarara hanze, natwe turi mu nzu mu mahoro.

*-Abatwa ni ubwoko bugira gatatu mu Burundi, wasanga akenshi bari ku ruhande rwabahutu gusumvya abatutsi.
 



© Burundi Voices Project, 2006.