English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
Ryakiye Yvona
 
"Yvona yumva abantu bavuga ngo 'Urya mugore Pelagia akunda kuja mu Gitaza, kandi umugabo wiwe siho ari ngoapfume asanga turya twana twadutemaguye!' Uyu avyumvise aho yari ateramiye ati eeh, barya bana ndabazi"
Ryakiye Yvona na Hagabimana Pelagia
Yvona yakijije Pelagia, abana biwe, hamwe n'umutamakazi yitwa Maria, mu gihe c'urwimo. Yvona yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama mu kwezi kwa Ndamukiza 2006, ninaho yatuganiriye ingene vyagenze.

Yvona: Mba mu Busoro, muri Komine Kanyosha. Nahora ndandaza imyumbati kwisoko ryo ku Musaga.

Pelagia: twarabana, tukaza turaramukanya rimwe rimwe, naho tutagenderanirana cane. Namara umwanya munini ndiko ndakora mwisoko ryo mu Gitaza, nta mwanya mwinshi namara i muhira. Rimwe rimwe yarantuma nkivyo akeneye mwisoko ryo mu Gitaza, nkabimuzanira.

Yvona: Igihe kimwe nari nshitse kwisoko ryo ku Musaga, uwitwa Ancilla, umugore w'umututsikazi, ntitwari tuzinanye, numva ambwira ngo, "wa mugore we, ibintu biriko biracika, abahutu bari hano muragabe, vyiza wotekera utuntu twawe, ugataha." Ndemera ivyo ambwiye nca ndataha i Busoro.

Pelagia: Hariho abantu babwiye Yvona ubwicanyi bwariko burategurwa ku batutsi bo mu Kanyosha. Ninaho yaca ababurira ngo bahave.

Yvona: Naburiye abatutsi yuko atari vyiza ko baguma aho, ku neza yabo boraba aho bahungira. Bamwe baranyumvira, baragenda.

Pelagia: Ndashimira Imana kubona yarakoresheje Yvona, akaburira abanje bagahunga hakibona.

Yvona: Abatutsi bamaze guhunga bava mumazu yabo, abahutu baca batangura kuyasambura, eka nabatutsi bari basigaye aho babonye amazu yabo asamburwa.

Pelagia: Urumva abahutu baba bari ahantu hose, no mu ruhande rwabatutsi. Yvona yumva abantu bavuga ngo: "urya mugore Pelagia akunda kuja mu Gitaza, kandi umugabo wiwe siho ari ngo apfume asanga turya twana twadutemaguye." Uyu avyumvise aho yari ateramiye ati "eeh, barya bana ndabazi!", urya muntu ahora anyigorera kenshi nkamutuma iyo agiye mu masoko naho tutagenderanira.
 



© Burundi Voices Project, 2006.