English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Twabwiye abakenyezi bo mwishirahamwe Abaniki yuko umukenyezi atagira ubwoko. Izo ngorane zose ziturutse ku rwimo, zaratumereye nabi. Nimuze tuje hamwe turondere amahoro."
Ryakiye Yvona na Hagabimana Pelagia (Ibikurikira.)

Pelagia: Nahavuye mpitamwo gusubira imuhira. Ndaza nshikira ku Musaga. Muramukazanje yari yarapfuye, hariho ba muyomba banje, bari bagihari, niho nashikiye. Twahavuye dusubira kubonana na Yvona, mwishirahamwe, aca arongera aramfasha vyukuri, ubu ni umuvyeyi, niwe yanserukiye ngo banyubakire inzu. Baranyubakiye inzu, barampaye imiryango kugera nubu ndashima.

Yvona: Twabwiye abakenyezi bo mwishirahamwe "Abaniki" ko umukeneyzi atagira ubwoko. Izo ngorane zose ziturutse kurwimo, zaratumereye nabi. Tuti reka tuje hamwe twunge ubumwe, turondere amahoro. Duca turasanura amazu yasambutse, mu Gatumba, kuri bose abahutu n'abatutsi. Abakenyezi bo mu kigo c'amahoro bavyumvise baca nabo baradutumira ngo tuje kuremesha abakenyezi b'i Ngozi. Turabigisha yuko mu bakenyezi ata muhutu n'umututsi arimwo, yuko twese turi abarundi. Tugira gurtyo muri Ntega na Marangara.

Haheze igihe, muri 2002 ninaba ntihenze, twagiye muri Tanzania. Tugenda mu makambi y'impuzi agera kuri atanu. Abenshi muri bo bari abahutu, ninabo twaganira, numukuru w'igihugu w'ubu yari akirwana ari muri ako karere. Turayaga, duhuza, bamwe muri bo barajijuka ko bakwiye gutahuka i Burundi. Ubu mwishirahamwe ryacu harimwo imiryango ishika kuri itanu yaje ihungutse iva aho nyene muri izo nkambi. Ubu numva nezerewe iyo ndikumwe nabantu nakijije ubuzima. Ubu banyita 'mama', abandi 'nyokuru'. Ubu dusangira akabisi n'agahiye.

Ikibazo: Ni igiki catumye ukiza abo bantu bose?
Yvona: Imbere ya vyose novuga ko ari Imana yamfashije, kuko nta bushobozi mfise bwo kubikora jenyene. ni Imana yankoreyemwo muri ivyo bihe bigoye. Nakuze ntazi ivyerekeye abahutu n'abatutsi. Nabakijije kuko nibaza ko umugore ata bwoko agira.

*- Umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yari akigwana mu muhari CNDD-FDD.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.