English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Bajabutse, ndababwira nti: 'ni mugende amahoro.Imana niyabishaka tuzobonana.' baca barajabuka uruzi bagenda guhungira mu bandi batutsi. Haraciye igihe kinini tutarasubira kubonana."
Ryakiye Yvona na Hagabimana Pelagia (Ibikurikira.)

Yvona: Abahungu babiri ba Pelagia baza biruka bahungira iwanje, bati: "iwacu bagira bahaturire none mama siho ari, papa nawe murazi ko atariho ari, none gira utunyegeze!"

Pelagia: Yvona arababwira ati, "bibondo ntakuntu ntagira, urubatwara nirwo runtangura."

Yvona: Nca ndanyegeza abo bana.

Pelagia: Nca ndaza nshitse nsanga abana bamaze kubatora, inzu baturiye, ntakintu na kimwe nakuyeyo.nca ndabandanya, nshitse iwe kwa Yvona abana barambona, turara aho iryo joro.

Yvona: Uwundi mugore, umunyagwandakazi wumututsikazi nawe yari yahunze, yari arongowe numusirikare, nawe araza, ndabahungishiriza hamwe, ndabaha ikibanza co kuryamamwo.

Mu gitondo ca kare, umubanyi araza ambwira ati: "uragabe, abantu bariko bavuga ko wahaye indaro Pelagia n'abana biwe." Nari mfise ubwoba, kandi abashitsi banje batangura kugugumizwa n'ubwoba. Ndiyumvira nti: "Ndi umupfakazi, kandi bagomba banyice! Ninde aza kunkiza?" Tuguma nagho, umusi wose, n'ijoro ryose.

Inkoko imaze kubika bukeye, nca ndavyura abo nari mpaye indaro, nari maze kumenya ibibanza vyose birimwo abahutu bariko bagira irondo, duca dufata akandi kayira. Ndabatwara tujabuka akararo gato ku ruzi kanyosha.

Pelagia: Tugenda twese, dutwara imbegeti tugenda nkabagiye kuvoma, kuko twavoma mu kanyosha.hanyuma ndatora imbegeti, nawe aratora iyindi, duca turagenda. Dushitse ku Kanyosha, urumva ko hari hakiri kare cane, we yagiye avuga ati, ni mujabuke, rero twebwe ko turiko turavoma. Twebwe twaciye tujabuka, nawe aca aravoma, ajana amazi, twebweduca turabandanya no ku Musaga.

Yvona: Bajabutse, ndababwira nti: "Ni mugende amahoro. Imana niyabishaka, tuzobonana." Baca barajabuka uruzi bagenda guhungira mu bandi batutsi. Haraciye igihe kinini tutarasubira kubonana.
 



© Burundi Voices Project, 2006.