English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
Ndamubaza nti: "Bandya, mu batutsi bose, wasanze uyu mukecuru Maria ariwe aryoshe kwica? Uti nanje nije muhutu wabonye nkwiye kwicwa?"
Ryakiye Yvona na Hagabimana Pelagia (Ibikurikira.)

Pelagia: Tuja ku Musaga. Naciye ngenda kwa muramukazanje, yaba kuryambere. Aca ambwira ati: "naje nta kuntu ndi bukugumize ngaha, ubonako atahantu ufise wohagarara, iciza nogukorera, reka ndakurihire itike uduge ruguru; " Kuva ico gihe nca nduga ruguru iwacu; nduze ruguru iwacu ndamarayo igihe kitari gito, n'umugenzi yageze kuza asanga naraduze.

Yvona: Nsubiriye i muhira, nsanga abahungu bakiri bato bariko badodora ku muryango. Bari bazi neza yuko nanyegeje abatutsi. Ariko ko nari nzi ko nabahungishije nari mfise amahoro. Barinjira, barasaka hose, ariko ntibasangaho umuntu numwe, bati: "wabanyegeje hehe?" "Hari ahantu noba nababujije kurondera? genda mubarondere aho mwifuza!" Bagiye baca bambwira ngo: "iyo tubasanga ngaha twari kubica mwese!"

Munyuma, umugore akuze yitwa Maria wumututsikazi, araza iwanje gutora uduharage yari yanyegeje. Ba bicanyi babahutu baca barabona turikumwe. Bati: "watubeshe ngo ntiwanyegeje ba batutsi, ubu hoho ubisigura gute?" Baca bantegeka gushira ibiharage hasi. Umwe muri bo yitwa Bandya, ndamubaza nti: mubatutsi bose, wasanze uyu mukecuru ariwe aryoshe kwica? "Uti nanje nije muhutu wabonye nkwiye kwicwa?" uko niko nvugiye uwo mutamakazi ashobora kurokoka artyo. Sinigeze nsubira kubona uwo Bandya. Sinomenya aho we nabagenzi biwe bahereye.

Mu mwaka wa 1996, abanyagihugu benshi bo ku Musaga, ntibigeze bumva batekanye ngo baje mu Busoro, eka nabo mu Busoro ntibigeze batekana ngo baje ku Musaga. Urumva ntivyari vyoroshe. Ntasoko twashobora kujako. Ngiye ku Musaga abantu bose bagira bati: ehe urya muhemu, yagiye kutumenera amabanga!" Abakenyezi babatutsikazi nabo nyene bagiye mu Busoro, babavuga uko nyene. Niho rero dufatanije na ancila twagizwe umugambi wo kugira ishirahamwe. Iyo tutaja hamwe twebwe abakenyezi ba hano ntaco twari gushikako. Twaciye rero twunga ubucuti bukomeye.
 



© Burundi Voices Project, 2006.