English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
Mpawenimana Valeria
 
"Urabona uyu mupanga uyuu? Niwo uza kugukatamwo kubiri".
Mpawenimana Valeria na Nikuze Gaudence
Valeria yakijije umushingantahe wa gaudence, n'abana biwe mu gihe c'urwimo. Valeria yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama muri Ndamukiza 2006, igihe ashinga ino ntahe.

Valeria: Mu mwaka wa 1993, mu Kinama abatutsi n'abahutu barabana neza. Nari mfise umubanyi w'umututsi Jean marie. Twarabana neza, nk'abavandimwe. Igihe urwimo rutanguriye, abahutu batangura kwica ababanyi banje babatutsi.

Gaudence: Batwagiriza ko twishe abahutu. Mu ntango batubaza ngo "ntimurava mu kinama mgo mutuvireho?" badutera ubwoba. "Muraguma aho murabe ingene mwibonerako!"

Umusi urizina, akagwi k'abantu baraza kudutera ubwoba. Umwe muri bo asohora umupanga, ati "murabona uyuu?"
"Uwu niwo uzobakatamwo kabiri." Tubabwira tuti nta muhutu n'umwe twishe, ariko ntibavyemera. Bati "subira mu nzu i wanyu ningoga imbere ko tubaca imitwe".

Kuri uwo mugoroba, haraza umuntu ambaza aho umugabo wanje ari, nanje nti: "umugabo wanje siho ari aracari ku kazi".

Muri nya gihe yakora kuri bitaro Roi Khaled. "Agaruka ryari?" Nti: "ntavyonzi, yagiye avuga ko ari uwuca agaruka".

Inyuma y'imisi ibiri duca duterwa n'ikigwi c'abantu bitwaje imipanga n'amacumu. Bamwe muri bo bagendana amaconteneri yuzuye igitoro. Bamwe muri bo batangura gutera amabuye. Duca twumva tuti: "ni kuki mugomba mubice?"
"Turabica kuko bagomba natwe kutwica".
 



© Burundi Voices Project, 2006.