English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Abo bose bishe ntaco bungutse. Nizeye ko Imana izoraba ukugene uwo wese yicishije inkota yicwa nayo".
Mpawenimana Valeria na Nikuze Gaudence (Ibikurikira.)

Valeria: Ubu kuva aho bagarukiye mu Kinama, turasangira vyose, tukabana neza. Yohani Maria akora kubitaro roi Khaled, turacari ababanyi, urugo rwiwe rurabana n'urwanje.

Ikibazo: Ni kuki wahisemwo kubakiza?

Valeria: Kubera ntabona igituma co kwica kiremwa muntu.

Ikibazo: Umaze kubakiza, bavyakiriye gute abo musangiye ubwoko?

Valeria: Abenshi mu bahutu twabana ntibicanye, ahubwo barakijije abandi. Gusesa amaraso y'intungane ni amakosa. Abo bose bishe, ntaco bungutse na kimwe. Nizeye ko Imana izoraba ukugene umuntu wese yicishije inkota nawe nyene yicwa nayo.

Ikibazo: Mu Burundi harabaye ubwicanyi bwinshi, ni kuki abantu batiyumviriye kumera nka Valeria ngo bakize abandi?
Gaudence: Nama nsenga Imana ngo ihindure imitima y'abantu bareke kwicana. Twese turi abana b'Imana. Igihe Imana yarema umuntu ntiyaremye umuhutu atandukanye n'umututsi, yaremye ibiremwa muntu. Nico gituma dukwiye gukundana, reka ahubwo dusenge, Imana ihindure koko imitima, kugira ntihagire ibara nk'iryo risubira. Dutegerejwe kubana mu mahoro. Na Yesu Christo yeremeye gutanga ubuzima bwiwe kugirango atwereke urukundo rwiwe. Yitanze kugirango tubeho. Natwe dukwiye kwerekana urwo rukundo mu bandi. Reka dukundane nkuko Imana yadukunze. Ico nico nsenga misi yose.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.