English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Mu nyuma yaho ba Yohan Maria bahungiye mu Cibitoke, abatutsi baca baraza kudutera natwe, duca turahunga tuva mu Kinama, twinyegeza mw'ishamba".
Mpawenimana Valeria na Nikuze Gaudence (Ibikurikira.)

"Umugabo wawe siwe akora ku bitaro Roi Khaled? "Umusoda umwe ambaza. ni kuki ukiri ngaho, mukinama ubu ntuzi ko hameze nabi!" Nca ndamubwira nti: "twagumye ngaha kuko tubanye neza n'ababanyi bacu. Ntaco twagirizanya, nico gituma twigumiye hano". Uwo musoda atubwira ngo tugume aho, ngo ntaco tuba.

Valeria: Kare mugitondo, nca mbwira Yohani Maria, ko vyiza bogenda bakava mu Kinama ku neza yabo, bakaja mu Cibitoke mu bandi batutsi. Jewe nca nguma mu Kinama.

Gaudence: Abasoda nabo baheva batubwira ngo ni duhunge; tubanza tuja mu kamenge, mu nyuma tuva mu Kamenge tuja mu Cibitoke. Mu Cibitoke birayangara, tuja guhungira mu Nyakabiga. Mu nyuma rero turagaruka mu Cibitoke kandi.

Valeria: mu nyuma yaho Yohani Maria n'abana biwe bahungiye bakaja mu Cibitoke, abasirikare baza gutera hano iwacu, natwe turaheva turahunga. turinyegeza mw'ishamba, tuja mu Kigobe, tuja mu Rubirizi, hama mw'Itenga. Vyari amananiza. Twarara hanze. Baguma badutera, tukaguma tuhunga, kugira dukize ubuzima bwacu.

Birashika tuja mu Cibitoke, duhurirayo na Gaudence, aramfasha gose, abwira abandi batutsi ko ari jwewe nabakijije. mpuye na Yohani Maria, arumirwa ati "we uracariho?" "Nti ego cane". Abwira abandi batutsi ati. "Iyo ataba uyu simba nkriho, yanyegeje inyuma yibitanda mu nzu iwe, aratwitaho."

Gaudence: Ubu ibintu bimeze neza, Imana yaraduhariye, intambara iriko irahera, ubu twahisemwo kugaruka kuba mu Kinama. Turashimira Imana, tugashimira ababanyi bacu badukijije ubuzima.
 



© Burundi Voices Project, 2006.