English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Wumva amajwi yabo bantu badukikuje hanze, bariko bavuga ukuntu bosuka igitoro ku nzu ngo baduturirireyo."
Mpawenimana Valeria na Nikuze Gaudence (Ibikurikira.)

Mbwira abana banje ngo bagume mu nzu, nca ndugara amadirisha yose n'imiryango. Abatera amabuye bagomba gusambura umuryango ngo batugeme. Barabandanya baharira:

"Reka twice abana tureke nyina wenyene."

"Twarabanye neza mu mahoro nabo bantu, ni kuki mugomba mubice"?, twumva ijwi ry'umuntu ariko aravuga. Yohani Maria, niwe yabanje kuzana umwumvikano hano mu babanyi, we n'abana biwe ntaco bakoze, ni kuki mugomba mubice?"

"Abana bose b'abatutsi barinda gupfa."

Abandi tukumva bavuga ngo ntibotwica umugabo atariho ari, ngo reka batangure baje kumuhiga bamwice.

Valeria: Hari muma 8: 30 zo mw'ijoro, umugabo wa Gaudence yari avuye ku kazi; aca ahita kuturaba i muhira, imbere yuko ashikira iwe. Turiko turavugana numva abantu bariko bavugira hejuru. Ndamubaza nti uriko uravyumva? Ati eka. Nca nkubitira hanze mbona abantu bafise ibirwanisho, amacumu, imiheto, n'ibindi.

Bari bahagaze imbere y'urugo kwa Yohani Maria, ntibari bazi ko ariyo ari, canke atarataha. Baraza barambaza, bati "woba wabonye Yohani Maria ataha?" Nti "eka n'ukuri ntarataha, kenshi muri ano masaha akunda kuba ari mu kamenge mu kirabo, aho anywera vyeri". Nca nsubira i wanje. Ndamusanga aracari mu rwinjiriro, ndamubwira nti "nyaruka winyegeze hano mu nzu!"

Gaudence: Sinarinzi ko muri uwo mwanya umugabo wanje yaronse aho yinyegeza kwa Valeria.

Twumva hanze naho ba bantu bariko biga ukugene boturira bosuka igitoro ku nzu ngo bayiturire. Abana bagira ubwoba bwo guhira munzu, bagomba kuja hanze. Ndababwira nti: "naho muja hanze, barabicirayo!" "Pfuma muza tugume hano mu nzu dupfire hamwe". Bararahira baranka. Mugihe ba bicanyi bakiriko baraharira ingene batwica, batatu muri ba bana banje baba barirutse baja hanze.
 



© Burundi Voices Project, 2006.