English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga Intahe
 
 
 
"Umuhungu wa wamutama, aca aratabaza, bari bahejeje kwica se wiwe, bata ikiziga mwiwese."
Mpawenimana Valeria na Nikuze Gaudence (Ibikurikira.)

Valeria: Nca nikika inyuma y'inzu, nja mbona babahungu batatu. Nca ndababwira ngo bankurikire bacereje mu nzu iwanje. Bamarayo ijoro ryose binyegejeho na se wabo.

Gaudence: Ntaco nashobora kugira ngo ngarukire ba bahungu batatu bagenda, ngumana ubwoba kuko sinarinzi ko Valeria yabanyegeje, nibaza ahubwo ko babishe. Nca ngumana nabandi batatu. Ubwoba buratwica, hanze ba bicanyi baguma baharira umwanya muremure ingene botwica. Ica mfasha ni uko naguma nsenga nti: "Mana dukure mu minwe yabo bicanyi". Ni kuki bagomba kutwica? twese turi ibiremwa muntu kandi twaremwe n'Imana imwe!"

Valeria: Abo bantu bari bafise ibirwanisho, nkamacumu n'ubuhiri. Vyaragaragara ubaravye mu maso ko bashobora kwica zina mututsi wese mu kanya gato. Nza numva baraje gusaka iwanje, ngo, "urazi neza ko yohani Maria atoba yinyegeje aho iwawe?"

Naje nti: "siho ari na gato, mbega nomunyegereza iki, shaka mwinjire mwirabire namwe!"

Umwe muribo asa n'uwutanyemera, ati "urazi neza ivyo uriko uravuga, ubwo siho binyegeje?"

Uwundi ati, "oya ntariko arabesha, ntashobora kubanyegeza".

Niho baca bagenda ku wundi muhana, hakurya y'ibarabara, haba umututsi w'umutama, tuja twumva akaruru.

Gaudence: Hari akuma gatabaza mu gukoma akaruru mu gihe umwansi ateye, niko umuhungu wuwo mutama yari avugije. Bari bahejeje kwica se wiwe, bata ikiziga ciwe mw'iwese. Abasirikare baca baraza, ka kagwi k'abicanyi gaca karahunga. Abasoda baca baraza gukikuza inzu ngo barabe ivyo ari vyo. Nca ndugurura idirisha ngo ndabe ivyo arivyo, mbona abasoda, nca ndababwira nti, "bagomba batwice!" Sinzi aho abahungu banje n'umugabo bari, sinzi ko bakiriho, canke babishe. Turi hano twenyene."
 



© Burundi Voices Project, 2006.