English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Nahimana Paulina
 
"Bagumako yaguma ajugumira kubera ubwoba, nkamuhumuriza nti: 'tekana ntaco uba, nitwaba turi abicwa, dupfira hamwe.'"
Nahimana Paulina na Bagumako Tharicisse
Paulina na se bakijije Bagumako n'umuryango wiwe mu gihe c'urwimo.Paulina yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Paulina: Mba mu Kinama, muri kartier ya Ruyigi.

Ico gihe twese twabana neza, Bagumako n'umuryango wiwe bari ababanyi, tubaye neza cane, atawunezwe, ibintu vy'ubwoko. Twaja kurahura umucanwa iwe, twaranasangira agacupa.

Igihe urwimo rutanguriye, hariho abantu babahutu batoteza cane abatutsi. Baraje ku rugo kwa bagumako, ngo bamwice n'umuryango wose, niho twamenya ayuko abo kwa bagumako ari abatutsi.

Bagumako: Baraje bafise ibipanga, harimwo uwufise inkoho, wo kwa Rurinda, yitwa Juma.

Paulina: Baraza baramutoteza gose, ninzu barashaka kuyisambura, ariko jewe ndahagarara cane nti: "iyi nzu muja kuyisambura ari uko nanje mwanyishe, canke mumwica ariko nanje mwanyishe."

"Nitutabica, twica wewe"

Tuti "ahubwo muratwica twese."

Bati "turagiye, ariko turagaruka."

Bagumako yaguma ajugumira kubera ubwoba, nkamuhumuriza nti: "tekana ntaco uba, nitwaba turi abicwa, dupfira hamwe." Abana biwe barinjira mu nzu nawe aguma hanze.ndakora uko nshoboye, abana baragenda mu ngagara, aho baronka ikibakingira. Abicanyi baragaruka, barambaza aho nashize abatutsi.
 



© Burundi Voices Project, 2006.