English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"None icatumye ureka ntitubice ni igiki? Jewe narabasiguriye, nti ni umutima wanje, w'urukundo kuko nabomwishe, inyungu yabaye iyihe?"
Nahimana Paulina na Bagumako Tharicisse (Ibikurikira.)

Ikibazo: Urabona yuko hariho abantu bicanye, bishe abandi, babahora ubwoko, ni kubera iki wiyumvira yuko mu Burundi hatabaye abantu benshi babaye nka Paulina bagakiza abandi benshi.
Bagumako: Abantu bose ntibafise imitima imwe. Hari ababfise imitima yikigongwe, abandi bafise imitima nk'iyibikoko.

Ikibazo: Uratahura none igituma Paulina yitanze akagukiza?
Bagumako: Ndabitahura gose. Kubera twabana neza, nari maze igihe ndahimukiye, imyaka nkine. Tubanana neza, nkarahura iwe, nabo bakarahura iwanje, ikintu cose umwe akeneye akagiha uwundi, twari tubanye neza. Nawe nyene yaranyigoreye kabisa, gushika aho ahakwa kuhasiga ubuzima.

Ikibazo: Wewe umaze kubona abicanyi bakurondera, ntiwibaza yuko Paulina aheva agutanga?
Bagumako: Oya, haba namba, aho mboneye umuryango amaze kuwurungika, ugiye, ntavyo nishiramwo ko yobigira.

Ikibazo: Ni igiki catumye ukiza umutama bagumako n'abiwe?
Paulina: Namukijije kubera twari tubanye neza. Ivyamoko ntavyo twashira imbere. Ariko ndazi ko hari benshi batabikoze, ngo bakize abandi. Jewe nkunda abantu.nabona ko bariko bamuziza ubusa. Ikindi naco, ni umuntu nkanje. Yama ambwira ati: "jewe n'abanje turiho kubera wewe."

Ikibazo: Wewe umaze gukiza abo bantu, nta ngorane wagize mu kibano, nabo bahutu bashaka kwica abo batutsi?
Paulina: ico gihe abo bantu nyene baza gutoteza abatutsi baraje turahangana, baravuga bati, none icatumye ureka ntitubice ni igiki? Jewe narabasiguriye, nti ni umutima wanje, w'urukundo kuko nabomwishe, inyungu yabaye iyihe?

Haciye haba itohoza ry'abantu bakijije bene wabo, badasangiye ubwoko, badutora uko, baraza baradusiguza. Ibi dusigura ngahah nivyo twasiguye n'imbere yigihe, mu mwaka wa 2004, aho baduha izina ry' "inkingi z'ubuntu".

Ikibazo: None ubu mubanye gute n'abo bahutu watesheje kwica abatutsi?
Paulina: Tubanye neza, n'abakirirho, nkumukuru wabo yabosha ngo gira iki, gira kirirya, nawe nyene yahavuye yitaba Imana muri Congo.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.