English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Mbonye abo bicanyi baje bitwaje ibipanga, nkabona sije barondera ahubwo barondera umubanyi wanje, naciye nibuka ingene tubanye neza mu mahoro. Ntaco vyari kunyungura na kimwe iyo ndeka ngo bamwice. Nca nshima yuko ari ugupfa, botwicira hamwe."
Nahimana Paulina na Bagumako Tharicisse (Ibikurikira.)

Bagumako: Bari bazi neza yuko yatunyegeje.

Paulina: Baradupfukamika, amaboko hejuru, batubwira ngo ni tutabereka aho abatutsi bari hari ico tuza kubona. Twagumye aho ntitwasinzira ijoro ryose. Bagumako asigara aho mu giti, bukeye mu gitondo ca kare, tuca tumubwira ko vyiza yogenda hakibona.

Ndegeranya impapuro zikenewe zose yari afise, harimwo impapuro z'amavuko z'abana biwe, amatungo yiwe, nibindi. Aruruka, ku giti, atora impapuro ziwe, ambwira ko Imana niyabishaka tuzongera kubonana.

Bagumako: Ndabashimira nti: "mwarakoze, abana nimba boba barashitse, Imana ishimwe." Ahagarara kwibarabara areraguza ko atamuntu atubona, nca ndagenda ndafyiruka, mu mabarabara, muma zero, ngira gurtya, ngira gurtya, mbona nshitse mu Cibitoke, ndiruhutsa. Niho nasanga rero abana bashitse mu Bwiza.

Paulina: Haheze imisi, umutekano uragaruka buhoro buhoro, twumva ngo bagumako n'umuryango wiwe baba mu Bwiza. Ndagenda ndababona, abana bangwa mu nda batangura kurira bambonye kubera igishika cinshi.

Uko niko nakijije mutama Bagumako, n'abiwe. Ubu akora muri Komine Bwiza.

Bagumako: Gushika nubu ndacajugumira, iyo nibutse ivy'ico gihe.urabona igiti nashungurutseko? Dukira gurtyo gushika nubu. Aha ndamubonye niwe muvyeyi niwe yadutabaye, niwe yangejeje aha, bo n'umugenzi wiwe. Ni incuti y'ukuri.

Ikibazo: Ni igiki catumye, ukiza abo bantu?
Paulina: Mbonye abo bicanyi baje bitwaje ibipanga, nkabona sije barondera ahubwo barondera umubanyi wanje, naciye nibuka ingene tubanye neza mu mahoro. Ntaco vyari kunyungura na kimwe iyo ndeka ngo bamwice. Nca nshima yuko ari ugupfa, botwicira hamwe.
 



© Burundi Voices Project, 2006.