English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"'Nimwasangayo numwe muramwica!' Bagumako yari mu giti, yabibona vyose."
Nahimana Paulina na Bagumako Tharicisse (Ibikurikira.)

Bagumako: Baragaruka, ndababona nti noneho karabaye. Basubira kuri uyu nkumva urwamo hasi hejuru bamurondera ngo "utabasokoroye urakabona."

Paulina: Baraza bararondera hose mu nzu barabura numwe. Barambaza kandi aho bari, nguma mpakana ko ataho nzi. Uwitwa Juma arazana ikibido c'igitoro ngo banturirire mu nzu dushane nawe.

Nanje ndababwira nti: "nimwanturirira mu nzu, iyi kartier yacu yose irahona."

Baca baragenda, biyemeje ko bazogaruka. Ba bana na nyina wabo, bari bamaze kugenda bahunze, nari nsigaranye n'umutama Bagumako. Arasohoka, turamuha ivyokurya aranka gufungura, ubwoba bwari bumwishe, arabaza iyo umugore n'abana bari, ndamubwira yuko nabarungitse bahungiye mu Ngagara, kandi ko nimba ba bicanyi batabafatiye mu nzira ubu baja bashitse. Araduga gusubira kwinyegeza muri nya giti, nubu ico giti kiracariho.

Bagumako akiduga muri ca giti, ba bicanyi baba baragarutse. Bari bitwaje ibihiri n'imipanga.

Bagumako: kubera yari azi ko atawuri mu nzu, yarabaretse barinjira barasaka. Bavayo atanumwe baronse. Baragenda riniga ngo baragaruka.

Paulina: Turababwira tuti: "nimwasangayo numwe muramwica!" Bagumako yari mu giti, yabibona vyose. Twe na data nitwe twari twiyicariye hanze. abo bicanyi batubwiye ko batwica, kubera twafashije abo bantu guhunga. Batubwira ko duheva tubizira.
 



© Burundi Voices Project, 2006.