English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ugushinga Intahe
 
 
 
"Umusi umwe akagwi k'abahungu bakiri bato baraje mu mihana aho twari dutuye, bari bafise ingunguru yuzuye igitoro. Bari baje guturira inzu ya Nikodemu n'abana biwe barimwo."
Barakomeza Leonia, Ntahomvukiye Nikodemu na Minani Francoise
Mu gihe c'urwimo, Leonia yarakijije Nikodemu be n'umuryango wiwe, hamwe na Francoise be n'abana biwe. Mu birori vyo gukeza inkingi zo mu Kinama, Kinama, Leonia yarakejwe, hari muri Ndamukiza 2006, aho yatwiganira uko vyagenze.

Leonia: Naba mu Kabezi, nkaba mpora ngenda kuramutsa musazanje ku Musaga. Nikodemu twamenyanye kubera yabana hafi na musazanje, eka n'abana biwe twari tuzinanye, vyarashika bakaza kumbwira ngo''nyoku duhe udufungurwa, duhe amazi. "Igihe urwimo rutanguriye mu mwaka wa 1993, nca ndahunga ndava mu Kabezi, nja gusaba ubuhungiro kwa musazanje ku Musaga, nubu niho nkiri.

Mu 1994, urwimo rwarakaze, ibintu biramera nabi, abahutu bakanigurwa mu mazu yabo.

Umusi umwe akagwi k'abahungu batanu bakiri bato bato baraje mu mihana aho twari dutuye, bari bafise ingunguru yuzuye igitoro, bari baje guturira inzu ya Nikodemu n'abana biwe barimwo.

Nikodemu: Leonia yari yabonye abo bicanyi, aca arabatuza, bari bitwaje igitoro bivye mu nyuma yaho baturiye imodokari nyene ico gitoro. Bagomba guturira inzu yanje ariko Leonia aba yababonye, abibonye aca arakoma induru ati "ntimubice, mugakora amaraso naho mumenye ko muzobizira".

Si Leonia gusa, musazawe, nincuti ziwe bose, bagiye hamwe baratabaza ngo badufashe. Abo bari bitwaje igitoro co kuduturira ntibabaye bakibishoboye kutwica muri nya joro. Ndazi neza yuko iyo Leonia n'umuryango wiwe batadutabara, mba narapfuye, be n'umugore n'abana. Leonia yahisemwo kudukiza ubuzima naho tutari dusangiye ubwoko.
 



© Burundi Voices Project, 2006.