English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ugushinga Intahe
 
 
 
"Ingorane zose zabaye mu Burundi zarankozeko.ubwicanyi ntibwatanguye muri 1993, bwatanguye imbere yaho, muri 1972, na 1998. Narabona ico gihe cose, kandi uko nabishobora kose, naratabara abantu bagomba bicwe."
Barakomeza Leonia, Ntahomvukiye Nikodemu na Minani Francoise (Ibikurikira).

Nca nguma aho, Leonia aca ampa imfungurwa ariko ntakayabagu nari mfise. Aranyinginga ngo mfungure, koko aranyitaho. Aca ambwira yuko agomba agumane nanje, ko batanyica akiriho. Nca numva ndashigikiwe, kandinumva ndi mu mahoro. Mu nyuma, muri nya joro nyene niho yaca ambwira ati: "abo bantu barashaka gukora ikibi kandi barashobora kubishikako, niwaguma hano, barakwica ntagisivya. ubu ko bwije, abo bicanyi bagiye kuryama, nitwagenda ubu, ntibadukurikirana." Duca turagenda, buke buke, duca hamwe bari bampagarikiye ubwambere. Ndajabuka uruzi Kanyosha, nca ngenda i muhira. Nshitse barambaza ivyanshikiye kuko bwari bwije. Nca ndabiganira ingene nahatswe kuhasiga ubuzima iyo hataza leonia ngo antabare. Uko niko vyagenze.

Ikibazo: Ni kuki wemeye kwitanga ngo ubatabare kandi uzi neza yuko ushobora kubizira?
Leonia: Nsanzwe ndi umuntu yanka ubwicanyi. Kandi nibaza yuko umutima w'ikigongweumuntu ashobora kumvira mugenzi we ariwo n'Imana iheza ikamugirira. Aho nabona abantu biciwe imbere yiwanje numva nosara. Gutabara umuntu ni ibintu bisanzwe mu gihe uzi neza yuko, uretse ngo bamwice, hashobora kuza umuntu nawe akakwica.

Ingorane zose zabaye mu Burundi zarankozeko. Ubwicanyi ntibwatanguye muri 1993, bwatanguye imbere yaho, muri 1972, na 1998. Narabona ico gihe cose, kandi uko nabishobora kose, naratabara abantu bagomba bicwe.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.