English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Ugushinga Intahe
 
 
 
"Ahagarara mu muryango ati: 'kuki mugomba kumwica? Yakoze iki? Singenda ndamubahaye!'"
Barakomeza Leonia, Ntahomvukiye Nikodemu na Minani Francoise (Ibikurikira).

Leonia: Bukeye bwaho, umugore wa Nikodemu avuga ko bakwiye kuva muri iyo micungararo kubera ivyo vyari vyabaye. Ndasenga Imana ngo ibazigame mu rugendo rwabo, baca baragenda barava ku Musaga.

Nikodemu: Leonia yaradufashije guhunga.ntivyari vyoroshe guhunga nibintu vyacu vyose. Naho muri nya joro abo bicanyi bataturiye inzu yacu, bahavuye bayisambura. Batwaye ibintu vyose vyari mu nzu, ntaco twashoboye gukura mu nzu nakimwe. Rimwe na rimwe ndagenda kurima mwitongo, ariko nipfuza kuzosubirayo kubayo ninabishobora, naho muri uno mwanya tutarabishikako.

Nubu ndacashimira leonia n'ababanyi biwe badufashije guhunga. Iyo batadufasha ntitwari gushobora kuhava kandi bari kutwicirayo. Ivyo nivyo nzi ntabindi nongerako.

Leonia: Ikindi gihe naco nakijije ubuzima bwa Francoise n'abana biwe babiri.

Francoise: Nashitse ku Musaga mvuye i Busoro, mfise nabana babiri. Niho nahura nabagabo ntamenye, barampagarika. Bari bafise ibigwanisho vyimipanga, amacumu n'imiheto bashaka kunyica. Bambwira ngo nshire abana banje hasi, buno nyene nza mbona Leonia araje, ati: "ntimubice, ntimubice, uwo muvyeyi mumuhora iki?"

Leonia: Nca ndamutwara mu kibanza aho ashobora kurara mu mahoro muri nya joro.

Francoise: Mu nyuma araheza antwara iwe, aranyegeza. abandondera ngo banyice bamuja inyuma, bamubwira ko bagomba kunyica, kandi ko batagenda batabigize. Ahagarara mu muryango ati: "ni kuki mugomba kumwica? Yakoze iki? Singenda ndamubahaye!"
 



© Burundi Voices Project, 2006.