English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 

 
Nahimana Meria hagati ya Mpawenimana Valeria na Makangira Varisito, Mu Kinama, Ndamukiza 2006
 
"Ijoro rimwe twumva ariko arahamagara atabaza, duca turiruka kuraba aho iyo nduru izananye. Dusanga abantu baje bitwajwe imipanga n'amasuka bagomba kumwica".
Nahimana Meria na Nizigiyimana Niceti
Meria yakijije ubuzima se wa Niceti, Marciano, mu gihe c'urwimo. Mu birori vyo gukeza inkingi zo mu Kinama muri Ndamukiza uno mwaka niho twaganiriye.

Meria: Aho twari dutuye haba abahutu benshi gusumvya abatutsi. Aho abahutu bumviye igandagurwa ry'umukuru w'igihugu Melchiori Ndadaye, baciye batangura kuburabuza no gutera ubwoba abatutsi baba muri nya komine, bagomba kwirukana abatutsi bose bahaba ngo bahiganzire bonyene. Abatutsi batari bake barahunze, abatabishoboye nabo babasanga mu mazu yabo kubatera ubwoba. Jewe nabanye neza nabatutsi, kuko mfise urukundo mbona mu muntu uwariwe wese. Narakijije ubuzima umututsi yitwa Makoro Marciano, uno musi ndikumwe n'umuhungu wiwe, kuko Marciano yahavuye yitaba Imana, ariko vyabaye munyuma yurwimo.

Uku niko vyagenze. Marciano yaribana wenyene, bamwe mu bana biwe bakora ruguru, abandi nabo bari mu mashure.

Niceti: Sinari mu micungararo, nari mu gihugu hagati muri nya gihe.

Meria: Ijoro rimwe, twumva ariko arahamagara atabaza, duca turiruka kuraba aho iyo nduru izananye. Bari abahungu batatu, bitwaje imipanga n'amasuka, baje kumwica bari bamaze kubomora umuryango w'inzu yiwe; bagomba bamwice, baguma bavuga yuko bariko barondera abatutsi. Bari bazi yuko uwo mutama aba ngaho, kuva kera, kandi yuko ari umututsi. Barasambura inzu yiwe barinjira mu gihe nawe yari asinziriye, aho niho twaje twumva induru ariko atabaza.
 



© Burundi Voices Project, 2006.