English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Yambwiye yuko hari abantu bari baje kumwica hanyuma Meria araheza aramukiza. Iyo ataba we, yari kuhasiga ubuzima"
Nahimana Meria na Nizigiyimana Niceti (Ibikurikira).

Abicanyi ntibaduteye ubwoba, twavuye mu mazu yacu twiruka kumutabara. Imana yarakinze twamushikiriye bataramwica. baragerageje kudutuza, mbere baranagomba kutwica natwe, ariko twarabagwanije turabatsinda. Baciye bagenda dusigarana nawa mutama, turamwitaho ijoro ryose.iyo bahirahira bakagaruka twari tubiteze ngo dutane mu mitwe. Ariko urumva ko twabagwanije, ntibabaye bakigaruka, muri nya joro. Umusi ukurikira, twagumye aho, kugeza aho abasirikare batanguriye kurasa mu Kinama, nabanyagihugu ngo bahunge. Ubu ndi kumwe n'umwana wiwe, kuko marciano yaramaze gupfa, yarabayeho kugera yicwe n’ingwara z'ubusaza, ntiyishwe n’imipanga canke inkoho.

Niceti: Ngarutse, data yarambwiye ingene vyagenze vyose, yuko hari abantu baje kumwica hanyuma Meria araheza aramukiza. Iyo ataba we, yari kuhasiga ubuzima.

Meria: Abana biwe baracanshimira kuvyo nakoreye se wabo. Igihe bagarutse basanze se akiriho, baranshimiye vyukuri. Igihe yitavye Imana narababwiye, turagira ikigandaro, ubu naho ko amahoro arikoaragaruka, abana biwe bifuza kugaruka kuba mu Kinama, ngo tubane neza nkambere.

Ikibazo: Ni kuki bakijije umututsi kandi uzi neza ko ushobora kuhasiga ubuzima?
Naho abahutu bavuga ngo umukuru w'igihugu Melchiori Ndadaye yishwe n'abatutsi si abatutsi bose bamwishe. Nico catumye ndamutabara, sinari kumureka ngo ahorwe icaha atakoze. Namukijije kubera yagomba ahorwe kuvyaha vyakoze abandi. Ikindi naco ni uko yari umuntu nkanje.twasangira vyose, ni kuki ntashobora kumufasha?
 



© Burundi Voices Project, 2006.