English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Nagomba ndamujabutse Muha, mbone ko arenze, apfume arwa imbere, mugabo ntaturwe mu maso."
Sindayigaya Rosa (Ibikurikira.)

Niho haca haza umugabo yitwa Deo, bahora babana, kuko Pierre yahora ari umu lavaderi, Deo rero araza ati: "woshobora kutubwira aho Pierre ari?" Nca ndamubaza ico amushakira, ndiravya musi y'igitanda kubaza Pierre uko tubigira, ati "mubwire ko ariho ndi".

Ndasubira kwirembo, ndamusiguza Deo, ico amushakira ati: "ikintu namuronderera, nagomba ndamujabutse Muha, mbone ko arenze, apfume arwa imbere, mugabo ntaturwe mu maso." Ndamubaza Pierre nti: "none urashobora kugenda ugashika iyo uja hamwe bokujabutsa Muha ba Deo?" ati: "egome, boba bakoze."

Imbere yuko agenda, ambarira ati: "Imana iguhezagire ku rukundo ugize, ku bikorwa unkoreye, Imana iguhe icubahiro kuko sinapfuye, uyu musi wari untegereje urupfu, ariko wankijije." Ndamubwira, nti "sawarero nawe Imana iguhezagire naho uroye hose, ushike n'amahoro."

Hari umutamakazi yitwa Mukamanengo, aradufasha, be na Deo, baramujabutsa. Bamujabukije urwo ruzi muha, Deo niho yagaruka ati: "namujabukije, ubu arwe imbere mugabo ntaturwe mu maso." Turavyemeranya.

Niho rero bamaze kugira birya vyo guhunguka, yagaruka akaza kundamutsa, ati: "jewe iyo ngeze ngaha sinumva ko norengana ntaje kukuramutsa. Ati ndacariho, ndacari muzima, narakize, kandi nashitse amahoro, urambona ko ndi muzima, Imana ibandanye iguha umugisha." Aravyiganira abavyeyi biwe, barampezagira, gushika hamwe ntobivuga.urumva nanje ngashimira Imana ko gushika n'ubu, aracari muzima, ni umusore mwiza, ameze neza, n'igihe twagira Ibirori, twari kumwe, nifoto baradufotoye, turikumwe. Nubu ndashima Imana kubona ari muzima.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.