English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Mbe Rosa, ni wewe usigaye unyegeza abantu b'ababhutu b'abicanyi? Nti "none ni kuki yagucanye ngaha yiruka?"
Sindayigaya Rosa
Rosa yakijije umuhungu w'umuhutu akiri muto, yarakejwe mu birori vyabereye mu Kinama muri Ndamukiza 2006, aho twaganira.

Umusi umwe, nari manutse epfo mu kibano, ahantu tuba, nca nsanga abantu bafise imipanga, bagire bice umwana yitwa Pierre w'umusore. Hama rero niho nashika muri ako kagwi barimwo, ndamubwira nti "sha Pierre, ubwo ntiworaba ukuntu wiruka, ukaja imuhira iwanje." Pierre aca arankundira kweri ariruka. Ya mipanga bari bafise, bariko bakarisha, barayifata bamwiruka inyuma. Wa muhungu aca muri salon, aja mucumba arinyegeza. Iwanje hari ibare, hariho umututsi yariko anywa vyeri, aca ambarira ati, "mbe Rosa, ni wewe usigaye unyegeza abantu b'ababhutu b'abicanyi?

Nti "none ni kuki yagucanye ngaha yiruka?"

Imbere yuko ba bagabo banshikira, nca nugurura urugi rwinyuma, baraza barambaza aho wa muhungu ari nti "ntimubona yuko yamenye urugo, kandi yuguruye yagiye kera!" Nti "nkubu yabajanye muri hehe?" Bati "nta kundi ko yagiye", ba bagabo, babona gushira imipanga yabo hasi, basubiza inyuma. Babona ko Pierre yagiye, naho shwi, yari musi y'igitanda. Niho rero narindira wa mugabo ko aheza kunywa ca kiyeri nkabona arasohotse, ngaca ndamubwira nti "Pierre ntugire ubwoba, ugume musi y'igitanda gusa."

Niho umushingantahe wanje yataha, nkamubarira nti "jewe, ndakijije Pierre nti bagira bamwice n'umupanga". Ati "none ubu uri hehe?"nca ndamubwira ko ari musi y'igitanda, niho yaca amubarira ati, "Pierre ni ugumeyo, ntugire ubwoba, naje ntanakimwe ndakugira." Urumva yibaza ati umugabo wanje aheva amuhindukirirako. Aca aramubarira kandi ati "Ni wigumire musi y'igitanda kuko n'abana boheva bakubona bagahava babivuga."

Niho rero hagera mwijoro, duhejeje gufungura, ata muntu akiza kuko bwije, twugaye hose, niho abana baca baza bambaza bati "mama ni igiki kinyagara musi y'igitanda?" Nca ndishura nti "ni Pierre, twamukijije, ari musi y'igitanda, ntimubivuge, ngo bamwice. Ntihagire n'umuntu mubibarira aho hanze, kugira bamenye ko ariho ari." Pierre akigumira aho musi y'igitanda, nkamusasira, nkamugaburira, nkamubwira nti: "none ga Pierre, tubigire gute?" Ambwira ko atangorane ari sawa, ndamuhumuriza, ko ninabona inzira iboneka neza nshobora kumurekura agataha, bidashobotse naho, agume ngaho.
 



© Burundi Voices Project, 2006.