English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 
Studio Ijambo nayo yarabuze imfashanyo yo kubandanya neza ibikorwa vyayo, yahavuye igabanya abakozi, ibiganiro bimwe bimwe birahava, harimwo inkingi z'ubuntu. Gukeza Inkingi z'Ubuntu
Mu mwaka wa 1999, Radio Isanganiro iri i Bujumbura, niho yatangura gucisha ku murongo wayo, ikiganiro citwa "inkingi z'Ubuntu". Ni ikiganiro cerekeye kurata ibikorwa, vyakozwe n'abahutu, be n'abatutsi akenshi usanga ari abanyagihugu bato bato, bashoboye gukiza abo bidasangiye ubwoko mu gihe c'ingwano. Abenshi muri abo bitanze bagaheba ubuzima bwabo, barahatswe kwicwa arico bazira, mbere nubu hari abacitwa abahemu.

Ikiganiro Inkigi z'Ubuntu, categurwa na Studio Ijamboikukira ishirahamwe ritegamiye reta Search For Common Ground. Studio Ijambo igizwe n'umurwi w'abamenyeshamakurur b'abahutu, hamwe n'abatutsi, bategura ibiganiro bica mu maradiyo, bijanye n'ukunywanisha abarundi.Ico kiganiro, carakunzwe n'abarundi batari bake, mbere nubu abakijije abo badasangiye ubwoko bitwa "inkingi", bivuye mu Nkingi z'ubuntu nyene. Muri Ndamukiza 2004, Studio Ijambo yarakeje inkingi mu birori vyo gukeza ababaye inkingi z'ubuntu vyamaze wamaze imisi itatu, mu gisagara ca Bujumbura.

Ibintu vyagiye biramera neza buhoro buhoro mu Burundi.Amasezerano yo kugabanganya ubutegetsi, yashizweko igikumu mu 2003, yatumye hashirwaho ibwirizwa shingiro rishasha, amatora nayo aca araba haciye imyaka ibiri. Abahutu bahoze mu murwi w'itwaje ibirwanisho FDD, nibo batsinze amatora, baca bashiraho reta nshasha. Ibiganiro navyo hagati y'umurwi ucitwaje ibirwanisho Palipehutu-FNL, hamwe na reta, vyarashishikaye, none bigiye kurangira, nabo baheze bahagarike ingwano, bigenze neza, mu kwezi kwa gatandatu 2006. Ikibabaje ariko, ni uko ishirahamwe mpuzamakungu ritacitayeho cane Uburundi, nk'abasirikare ba ONU bariko baragenda bava mu Burundi. Studio Ijambo nayo yarabuze imfashanyo yo kubandanya neza ibikorwa vyayo, yahavuye igabanya abakozi, ibiganiro bimwe bimwe birahava, harimwo inkingi z'ubuntu.

Impinga iracari ndende.Gukeza ababaye inkingi z'ubuntu, mu ntara zabo, bishobora kuba agaciro, n'abandi bakabona yuko bakoze ibikora inka.ninaco gituma habaye urugendo rw'abavuzi b'ingoma bo mu murwi Ruciteme ngo bafashe mri ico gikorwa. Muri kahise k'Uburundi, ingoma zarafasha mu kunywanisha abantu. Abari muri uwo murwi Ruciteme, nabo nyene umuntu yovuga ko ari inkingi kuko, baba abahutu baba abatutsi bari muri uwo murwi, ntako batagize ngo bafashanye, bamwe barakijije abagenzi babo badasangiye ubwoko, muri kirya gihe nyene c'indyane. Nta nkeka yuko umurwi Ruciteme ugaragaza umutima w'inkingi.
 



© Burundi Voices Project, 2006.