English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 





Bafatanije umurisho n'abanyagishora
Mu ntara ya Gitega, umurwi Ruciteme, wahavuye ufashanya nabo mu Gishora mu kuvuza ingoma; Abanyagishora nibo baboneye izuba abatari bake mu mirwi y'abavuzi b'ingoma, Mutama Baranshakaje Antime niwe awurongoye, akaba afise imuaka 70. Abanyagishora batanguye kuvuza mu kinjana ca 19, ico gihe bavugiriza i bwami gusa, hari kuri Mwezi Gisabo.

Slachmuijder aratubwira ivyo Mutama Antime yamwiganiye kuvyerekeye ihonyabwoko ryo muri 1972: "abantu nka bose baranyegeye, kuko batinya gufatwa n'ukwicwa; najewe nyene nari ninyegeje, ariko ibintu bisubiye mu buryo, ubwicanyi bugabanutse, abasoda bacungera umutekano ku musozi iwacu barondera ukuntu babwira abanyagihugu bo muri ako gacimbirir yuko amahoro ariko aragaruka, ngo banyeguruke, batahuke. Umucapitaine abarongoye niwe yampamagaye ambwira ngo mbwire n'abandi banyagishora... Duca twiha umurisho, tukiriko turavuza tukabona, abantu basokoroka kamwe kamwe... Cari ikimenyetso ca mbere yuko amahoro ariko aragaruka. Abantu rero barashimira abanyagishora, bavuga bati: "igihe twumva abanyagishora bariko bavuza ingoma, twaciye twumva umunezero, bidutera intege, tubona kwizera yuko amahoro ariko aragaruka." [104]

Uwundi munyagishora yitwa Kurera niwe yatwiganiye ivyo yabonye mu nyuma y'urwimo: "abantu bari basanzaye, kugera dutangure kuvuza ingoma. Niho babona yuko amahoror ariko aragaruka. Wasanga abahutu n'abatutsi bose hamwe bariko bararorera ingoma, batabizi. Buke buke, bagenda baribagira ivyabacanishamwo, kubera barika barorera ibirori bibereye ijisho, bikabaha umunezero." [105]

Umunezero wari ntangere ku bantu bose bari ngaho. Naho Mutama Antime, akuze, aranonotse, akaba afise ubuhinga mu gukubita umurisho, aratamba akiyereka, eka umengo ni umusore akiri muto.umuhererezi muri nya murwi wa Gishora, ni umuhungu w'umuyabaga. Ibirori vyarangiye mu munezero ntangere aho abanyagishora n'abanya ruciteme, bagiye hamwe baravuza, ubuhinga bwabo yari akaroruhore.
 



© Burundi Voices Project, 2006.