English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Urugendo
 

Imbere y'urwimo rwa 1993, wasanga mu mihana hari abahutu n'abatutsi babana. Ubu rero, abatutsi barahunze, amazu yabo yarasambuwe

Mu misozi ihanamiye intara ya Muramvya
Ndarugirire Pamphilo atujana ku gasozi iwe, ibirometero bike, uja i Bugarama. Dusiga imodokari kw'ibarabara, tuduga umusozi, duca mu mirima y'imyumbati, twongera duhura n'impene ziriko zirarisha.

Dushika ku musozi ahantu hari ibibuye binini binini, dutangura gufata amajwi. Abanyagihugu bo mu mihana baza kurab ivyari vyo, twari ahantu heza, mu misozi, n'imyonga. Pamfilo yicara iruhande y'umupfasoni wiwe, atangura kutwiganira ivyiwe. Ndayishikaniye Yohani Maria, umututsi yamukijije, yari yiyicariye mu micungararo ariko arumviriza yihoreye. Ndayishikaniye Yohani Maria, umututsi yamukijije, yari yiyicariye mu micungararo ariko arumviriza yihoreye.

Duhejeje gufata amajwi, tugenda duca mu mazu yasambutse. Zari inzu z'abatutsi nkuko Pamfilo yariko arabidusigurira. Imbere y'urwimo rwa 1993 , wasanga mu mihana hari abahutu n'abatutsi babana. Ubu rero, abatutsi barahunze, amazu yabo yarasambuwe. Pamfilo aca araza ngo tumwunguruze gushika mu Rutegama.

Pamfilo agenda aratubwira ati: "hari abantu bahora bambaza bati ubwo butwari bwawe none bwakumariye iki?" Hari ico wungutse?" Amera nkuwuriko ariyumvira inyishu yavyo, ati: "Mwene ivyo bintu nivyo bituma abantu nka ba mwebwe muba muje kwumvirirza ivyatubayeko, mwiranda."
 

Ndayishikaniye Yohani Maria, Ndarugirire Pamfilo be n'umupfasoni wiwe.


© Burundi Voices Project, 2006.