English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
Ndarugirire Pamfilo
 
"Ku musi wa Mungu, twumva ngo hari imipango yo kwica abatutsi ku musi ukurikira. Mu gitondo ca kare, tubarungika kwibarabara, aho bashobora gufatira umuduga uja mu Kibimba."
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria
Pamfilo hamwe n'abandi bantu babana barakijije abatutsi bagera kuri 38, mu gihe c'urwimo. Abicanyi b'abahutu baje kumwica ngo babimuhore, Pamfilo n'abiwe bahungira kwa Yohani Maria, arabakiza. Bompi barakejwe mu birori vyabereye mu Rutegama, muri Ndamukiza 2006, aho twaganirirye.

Pamfilo: Mva i Nyarunazi, muri komine Rutegama.

Yohani Maria: Mva i Nyarukere, muri Nyarunazi, komine Rutegama.

Pamfilo: kano karere, ahanini kabamwo abahutu. Igihe umukuru w'igihugu agandaguriwe, abahutu batangura kwica abatutsi. Uwari bulamatari ico gihe, aha itegeko musitanteri ngo yicire ibiti azibire amabarabara, abahutu baca bahera aho kwica abatutsi. Ntitwamenye ibiriko biraba ico gihe. Bamwe mu batutsi babahano barafatwa bakicwa. Abandi baraduhungirako. Bagera ku 38, harimwo n'abana. Turabanyegeza mwishamba.

Umwe mu bakenyezi, yitwa daforoza, yari yakomeretse. Umwana wiwe nawe akaguma arira. Vyatuma bumva aho bari bikabakwegera. Umunarugo wanje, aca afata uwo mwana amushira mu mugongo iwe, yitwe ngo ni rwiwe.

Abahutu b'abicanyi baraza kurondera abatutsi twoba twanyegeje. Tubabwira ngo baje kurondera mwishamba, ariko tubereka ahatariho.barazimira, abatutsi bakira gurtyo. Twanyegeje abo batutsi imisi ine: kuwa kane, kuwa Gatanu, kuwa Gatandatu, kuwa Mungu.

Tugenda kwa musitanteri gutabaza, hamwe nabo bantu twari twanyegeje. Aratwemerera yuko agomba adufashe, atubwira ngo ni tubazane bose, tubakure mwishamba aho twabanyegeje, tubegeranirize hamwe. Aho kudufasha, yaraduhemukiye.

Ku musi wa Mungu, twumva ngo hari imipango yo kwica abatutsi ku musi ukurikira. Mu gitondo ca kare, tubarungika kwibarabara, aho bashobora gufatira umuduga uja mu Kibimba.
 



© Burundi Voices Project, 2006.