English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Babwira umugore wanje ngo: 'Ntitwigeze tubona ikiziga ca Ndarishikaniye, ubwo urazi neza ko yapfuye?'"
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Muri nya joro, numva ngo hariho ipozitio y'abasoda i Buziracanda. Nca nigira inama yo kujayo, ngo ndabe ko bontabara. Igihe c'isaha imwe mu gitondo, umugore wanje aranyereka ngene nshikayo, ambwira ngo mbanze nce i muhira kubavyeyi biwe, abe aribo bamperekeza, kugira ntibanyice.

Ndagenda nshitse ku bavyeyi b'umugore wanje, ndahamagara indwi imwe. Abasoda baca batangura kurasa muri ako gace. Vyari bigoye gutembera hirya no hino. Ivyo bica bituma ngira ingorane zo gushikira iyo positio. Naragize ingorane, ariko Imana yaramfashije.muri nya joro nyene nca mbona yuko nobandanya. mabukwe, arambaza yuko ngomba ngende, ndabibutse ko yari umuhutukazi, aragira ubwoba yuko baheva banyicira mu nzira kandi batoshobora kuntabara.

Ndagenda muri nya joro, jenyene. Mu masaha ya 8 yijoro, iruhande y'i Buziracanda, ndashikira abasirikare, bamwe muri bo baramenya. Ngo: "uri Ndarishikaniye? Umuntu arashobora gupfa akazuka?" Ndababwira ko nipfuza gushikira ipositio, nari ndushe kandi nshonje.

Bukeye ndabandanya, nshitse neza kwi positio, ndababwira uko ibintu bimeze.Komanda Niyukuri niwe yaharaba, arambaza ivyashikiye abagore n'abana basigayeyo, ndamubwira ko ntazi nimba basigaye barabica, canke bakiriho.aho hari haheze indwi mvuyeyo. abasoda rero baca barajayo kugarukana umutekano.

Nari nashitseho isaha 6 zo mu gitondo, isaha 3 twari dushitse i muhira. Dusanga nta muntu numwe ahasigaye. Amazu yari agaragara. Niwanje, ntawariyo. Ariko rero dusanga abagore n'abana bamwe binyegeje inyuma y'ibibuye binini binini. Abasoda barababaza ngo: "ni kuki mwinyegeje?"

"Twabonye abantu bafise inkoho turagira ubwoba."
 



© Burundi Voices Project, 2006.