English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Ingo tuguherekeze mbere. Umuhutu wese agerageza guhunga, azoba ari nico yiyagiriza, duca turasa, ariko uwuguma ngaha ntaco aba."
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Abo basoda bati: "none izi dufise si inkoho?"

Nabo bati: "si mwebwe twatinya, twavuga barya bahutu bagomba kutwicirako abana bacu babatutsi."

Abasoda bababwira ngo bagende kuvoma amazi, barondere utwo bafungura.tubona k bari mu mutekano. Mwijoro sinaraye i muhira iwanje, nashimye kugumana nabasoda.

Haheze imisi, umukomanda ambwira ngo ninsubire Imuhira, ngumane n'abanje, arampumuriza ko ataco dusubira kuba "ingo tuguherekeze mbere. Umuhutu wese agerageza guhunga, azoba ari nico yiyagiriza, duca turasa, ariko uwuguma ngaha ntaco aba." Ariko uwo mu komanda atubwira. Muri iyo mihana, abahutu benshi bagumye aho, abasoda baguma bacungera umutekano, ibintu bibona kumera neza gurtyo.

Mu micungararo yo ngaha, igihe cose abasoda barenganye, abicanyi baca bahunga. Umuhutu umwe yari yarakijije umuryango wanje, abonye abasoda yaca ajugumira. Ndamubwira nti: "ntugire ubwoba, abasoda ntibica, abacivile nibo bica. Abasoda bariko bagerageza kugarukana umutekano gusa."

Pamfilo be n'abandi bahutu bashitse, ndabakiza.nari nzi neza ko atari abahutu bose bagiye mubwicanyi. Bamwe ndabanyegeza mu nzu, abandi barara mu kigo. Bari benshi, abasoda barashobora kumenya abicanyi, nabandi. Vyaca bigaragara, kuko iyo umwicanyi abonye umusoda, yaca yiruka.
 



© Burundi Voices Project, 2006.