English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Hari umuhutu umwe yariko ahorwa ngo yanyegeje abatutsi, yari umutama, aca yicwa ariko agerageza guhunga. Hari ku musi wa gatanu, bamwishe imbere y'abana biwe, nabakazana biwe."
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Hariho umuhutu umwe yankijije, mu nyuma aheva yagirirzwa ngo yishe abatutsi. Ndavyumvise, ndaja kumuvugira yuko ata mututsi ashobora kwica. Icabona cari jewe, ko yankijije, naho tutari dusangiye ubwoko, abona kurekurwa, mba ndamwishuye iciza yankoreye.

Ikibazo: Weho hari abantu wabuze?
Pamfilo: Si benshi cane.ndibuka umuhungu yitwa Gitebo, yari umuhungu ameze neza, yarambabaje. hari n'uwundi wo kwa Ruburisoni, nabandi.sinobibuka bose.hari umuhutu umwe yariko ahorwa ngo yanyegeje abatutsi, yari umutama, aca yicwa ariko agerageza guhunga.hari ku musi wa gatanu, bamwishe imbere y'abana biwe, nabakazana biwe.

Ikibazo: Wibaza yuko ingorane iri hagati yabahutu n'abatutsi yaheze, canke bikibandanya?
Pamfilo: Oya, vyaraheze ubu.abahutu nabatutsi babanye mu mahoro.nabo bahutu baduhora ngo twakijije abatutsi ubu tubanye neza.Ibintu vyarasubiye mu buryo.

Uwabajije ibibazo: Maziari Bahari
Uwabiteguye mu rwandiko: Gladys Ntibareha
na Davidi Shem-Tov

 



© Burundi Voices Project, 2006.