English


Ubutwari

Gushinga intahe

Kahise k'Uburundi

Urugendo

Gira ico mushikirije

Gushinga intahe
 
 
 
"Ubwoba buranyica, ndiruka ndahungira mwishamba, ninyegeza hagati y'imihana. Umuhutu umwe yitwa Makira, arambona, aca arabona ivyo ari vyo, aranyegeza."
Ndarugirire Pamfilo na Ndayishikaniye Yohani Maria (Ibikurikira.)

Barantwara banjana kuwundi mugabo tuvukana yitwa Deogratias. Yari umwigisha. Barongera barasaka iwe, barondera inkoho, barabura n'imwe naho nyene. Barashavura, bararungura. Twavukana turi abahungu bane. Badutwara mwishamba, batangura kudutuka, baducira amate, batubwira ngo: "mwatanguye kutwica kuva kera, nubu muracabandanya, mwatwiciye umukuru w'igihugu, uno musi mutegerezwa kubizira."

Turashaka kwiruka ngo duhunge, mugabo ntavyo twari gushobora. Twari dukikujwe nabo ahantu hose. B aradutwara batujana ku murwa mukuru wa komine, batangura gukubita uwo deogratias twavukana. baramuvunagura, ubwoba buranyica, ndiruka ndahungira mwishamba, ninyegeza hagati y'imihana.

Umuhutu umwe yitwa Makira, arambona, aca arabona ivyo ari vyo, aranyegeza. Kuri uwo mugoroba, ndataha imuhira. Nasanze hagaragara, mu nyuma bamwe mu bakenyezi batangura kugaruka, bari abakenyezi gusa. Abagabo babo wasanga bishwe, canke bahunze. Ubwoba buranyica, ndabona yuko ba bicanyi baheva baza kundondera, kandi baheva bamfata.

nca mbwira umugore wanje, ni umuhutukazi, ngo azane isuka, anyimbire ikinogo, nagomba kwihamba. Nca nambara igikoti kinini c'imbeho, aca arampamba, mwiraro ry'inka.umusi ukurikira, baraza batwara uwo tuvukana, baramukubita, kugera aho asinzikara, umusi ugira gatatu, arahwera.

nkiryamye, hamwe nihamba, nza numva amajwi y'abantu bashavuye, babwira umugore wanje ngo: "ntitwigeze tubona ikiziga ca Ndarishikaniye, ubwo urazi neza ko yapfuye?" Basiga babwiye umugore wanje, nabo bandi bagore bari bahungiye iwanje, yuko nibasanga ninyegeje aho, ko baca babica nabo nyene.

Umugore wanje ati: "egome, nimuze musake, mwironderere mwebwe nyene."bararondera, barambura. bari barunguye, bitwaje ibihiri.basiga basanzaje ahantu hose, ibintu vyose bahasanga. Baranakubita igihiri, ku kinogo nari ngaramyemwo, batazi ko ariyo ndi.ariko narababaye, nubu ndacatonekara, iyo ntambutse, haramvyuka. Baca baragenda, nkira gurtyo.
 



© Burundi Voices Project, 2006.